Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mpanda: Abakenyezi basaba Leta gutuza uguharika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Mpanda: Abakenyezi basaba Leta gutuza uguharika

Mpanda: Abakenyezi basaba Leta gutuza uguharika

lundi 28 Gitugutu 2013

Abapfasoni bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko muri iyi myaka abagabo b’abarundi batari bakwiye kwiyumvira guharika narirya ubukene buri mu miryango bwokora amakara bugata.

Nkuko abo bapfasoni babivuga, iyo umuceri weze abagabo baca batangura kwiyumvira abandi bagore, bakibagira ingorane canke ubukene bukurikira iyo uyo muceri waheze. Ubukene buragaruka bukinjira mu miryango, kandi iyo baja hamwe bofashanije bakabikira ejo hazoza. Abo bakenyezi bakamenyesha ko bariko baragerageza kumenya iyo baheza bakitura kugira baronke ibirezo vy’ abana bo burundi bw’ejo.

Abo bapfasoni bo muri komine ya Mpanda iri mu ntara ya Bubanza bakaba basaba abategetsi ko bovira hasi abagabo baharika kuko ubu ho usanga hari uwufise abagore barenga na babiri. Hagaca havuka ikibazo c’uko bazotunga abo bana bose. Abo bapfasoni basaba Leta ko yovira hasi ico kibazo, uguharika kugatuzwa mu gihugu hose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.