Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mpanda: Umukuru w’umugambwe MSD yarakubaguwe n’imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Mpanda: Umukuru w’umugambwe MSD yarakubaguwe n’imbonerakure

Mpanda: Umukuru w’umugambwe MSD yarakubaguwe n’imbonerakure

mardi 21 Rusama 2013

Umukuru w’umugambwe MSD muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza Alexis Hajayandi yarakubiswe arashaya n’umukuru w’imbonerakure muri iyo komine nyene ya Mpanda kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013.

Icababaje abatari bake mu bantu bavyiboneye, ni uko uyo mukuru w’imbonerakure yakubise uyo mukuru w’ umugambwe wa MSD ahagarikiwe n’umukuru w’ikirindiro c’abapolisi muri iyo komine ya Mpanda, mu gihe umukuru w’igipolisi c’Uburundi yari yasavye ko abapolisi bokora uko bashoboye bakagarukana icuka ciza hagati yabo n’abanyagihugu.

Alexis Hajayandi yakubiswe yagirizwa ko yagirishije inama idakurikijwe amategeko yongera ahamagara amaradiyo muri iyo komine. Ahejeje gukubitwa yaciye ashirwa mu gasho aho nyene ku mpanda, akaba yasohowe na buramatari w’intara ya Bubanza ku mugoroba w’uyo wa mbere nyene.

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Bubanza Benjamin Ndikumana, avuga ko abatari mu mugambwe uri kubutegetsi batorohewe kuko bama bakubaguwe kenshi, agasaba ko abakora ivyo boza barashirwa imbere y’ubutungane bakabazwa kuko gukubagura abandi hari ababigize ubuhizi.


Aristide Nizigire

Messages

  • birababaje kubona turyana turi bamwe kuki tubikora?nabanyamahanga baduteranya?nyabuna haguruka dufatane munda dushigjkire democratie yacu.uwuri kubutegetsi wese ntagirire nabi mugenzi atwara kuko ejo nawe atwaye vyogenda gute kuri wewe wamutoteje!!!!!!nitwikebuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.