Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD : Alexis Sinduhije yashizwe imbere mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > MSD : Alexis Sinduhije yashizwe imbere mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...)

MSD : Alexis Sinduhije yashizwe imbere mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

lundi 12 Nzero 2015

Mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe MSD ryabereye mu ntara ya Ngozi, Imvugakuri z’uwo mugambwe zatoye Alexis Sinduhije kugira abe ariwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Muri iryo koraniro, indongozi za MSD zikaba zavuze ko ata rugamba rw’indwano bazigera bagira mu gihugu, ata rugamba rw’inkoho bazogira, ariko ko urugamba rwa poritike n’ivyiyumviro arivyo bizoshirwa imbere, mu gutsinda abari mu mugambwe CNDD FDD. Inyuma y’iryo koraniro, mw’ijambo Alexis Sinduhije yarungitse, yariyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ku bwiwe, hamwe umugambwe CNDD FDD wotanga Petero Nkurunziza kugira ahiganirwe ikibanza c’ukurongora igihugu, umukuru w’umugambwe MSD avuga ko bazoca bafata ko Petero Nkurunziza azoba agira afate igihugu ku nguvu, aho naho akavuga ko amategeko atawe abirekurira, mbere akemeza ko bazomurwanya bivuye inyuma.

Umukuru w’umugambwe MSD akaba avuze ivyo inyuma y’aho n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike biyamirije ko Petero Nkurunziza atohirahira ngo yitoze ubwa gatatu, imvugo isanzwe ariyo iri no mu migambwe itavuga rumwe na Reta. N’umwe mu basenyeri ba Ekereziya Gatorika mu Burundi, Simoni Ntamwana akaba yarabivuze, tutibagiye na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD nabo bamaze kubishikiriza ko Umugumyabanga wabo Nkurunziza Petero, atokwitoza ubwa gatatu kuko ku bwabo, yoba akoze icaha c’ukubesha hamwe n’icukwiba, mu gihe yama ariko ahimbaza uko umwaka utashe ibikorwa vyiza yakorewe n’Imana.


Aristide Nizigire

Messages

  • HAHAHAHAHAHA NAHO AZOTEKA AMABUYE AGASHA NTA SINDUHIJE AZOBA UMUKURU WIGIHUGU HIHIHIHIHIHIHI NTIHARAGERA KANDI NIMANA NTIYOVYEMERA KO DUTWARWA NABANWA RUMOGI NAKOMEREZE MUGUFATA INKOHO GUSHIKA AGIFASHE BNIVYAMUKUNDIRA NAYOKIGIHABWA NABANYAGIHUGU NANYE AHO YERETSE.

  • KOMEREZA KURIBIRYA MWIYEMEJE I KAMPALA KWARI UKUGUMUKA MURASA KUGIRA MUBURIZEMWO AMATORA,NUKURONDERA LETA NFATA KIBANZA. nayo kuba umukuru wigihugu cuburundi hoho biracari kure nkukwezi, uzofuma uba incungu yuburundi nibakurasira kurugamba.hahahaha

  • Amerike uri muntu ki ?uri ikijuju canke ugwaye intandar?

  • Democratie ni nziza, ariko ntitwoca duhumiriza mukuyicamwo, kuko imeze nk’inzira ija mw’ijuru yuzuyemwo imitego n’ibisebuzi. Ariko bararavye mumugambwe barabura uwundi muntu yobaserukira atari Sinduhije tuzi. Bameze nk’umuntu yokwumva hageze ihiganwa ryo kwiruka agaca arungika umusazi ngo abe ariwe amuserukire kubera yama amubona yirukanga misi yose, akibagira ko guhiganwa hakora amategeko, umusazi nawe akaba atayerekwa. Ni nk’uko boba bavuze bati "twebwe igikuru ni ukuja mumatora gusa, gutsinda ntavyo dukeneye", none barondera iki?

  • Uwabayu mukuru wigihugu ntamubtunumwe yomihanura ngoyumve yokubita akararika mbere yosumvya ubutagongwa uwuri umukuruwigihugu ngagohakurya yakanyaru.

  • wew wiyita sihondi levis none nkurunziza kugira abe umukuru wigihugu yahay iki abarundi n`imana ?buraca bugacana ayandi zumenya gusaba neza iyo miceri baguha!!!!

  • Ariko intimenya nizo ntinegura??nkurunziza kwabatwara atagira nicakabiri cubwenge nkubwa alex???mwebwe mwanditse mugaya Alex nukubera ubwenge bwanyu beke kuko nimba hari umuntu akunda igihugu niwe ?kandi akunda abantu,yanka akareganyo,yanka akagaye/yanka abigira ibigigwamana, ivyo vyose nivyo umunyagihugu wuburundi akeneye noku ndogozi zimutwara geregeza mubone kure apana kubona (avocat kg yumuceri,igitege, etc) hanyuma akaca agutwara 5ans akugendarako

  • uretse ubukuru bwigihugu nubunyumbakumi ntabukwiye umwe atukana nkumwungere winka wakera MBE mwavuye mukibiri nari nibaza kwazoserukira ikibiri turahaye tubakubita impaga rindira muraba muritegurira yamigumuko mwumvikana nabamwe biyita NGO no sotie civil

  • uretse ubukuru bwigihugu nubunyumbakumi ntabukwiye umwe atukana nkumwungere winka wakera MBE mwavuye mukibiri nari nibaza kwazoserukira ikibiri turahaye tubakubita impaga rindira muraba muritegurira yamigumuko mwumvikana nabamwe biyita NGO no sotie civil

  • IKOSA RIKOMEYE BAKOZE,NDASHIGIKIYE MSD MAIS ALEX UMUNTU YOMUHA AYANDI MABANGA APANA PRESIDENCE,KWELI!HABUZE UYUNDI MU CANDIDAT?ARAFISE QUALITÉS ZO KU MILITANT,MUGABO DÉFAUTS NAZO AFISE NTIZIMWEMERERA ICO KIBANZA.

  • Yu munsi aho igihugu kigeze gitembakirakwiye umugabo w’nryamunyu nka Sinduhije! Ni bamureke agarukane igihugu k’umurongo!

  • ariko mana uwo mutama ateye ubwoba umutegetsi atimwesha ubwanwa hama ngwarongore igihugu ariko ntawutazi kwaru mugumutsi abo ba police bo nukumukunda?dd beshi bayanka kuko yikumirako

  • MUTAMA REKE TUGUHE UBURUNDI UBUGARUKIRE UBUVYURE ABA DD BABUGEJEJE AHATEMBA!!

  • UMUNTU AVUGWA N’UWUMUZI ABO BOSE BATYOZA SINDUHIJE N’ABATARAMUMENYA NTA BWOBA BADUTERA UMWANYA URAHARI NABO BAZOZIMURUKA. IGIHUGU AHO KIGEZE GIKENEYE IMVUGAKURI IKUNDA IGIHUGU NI SINDUHIJE NTAWUNDI TURABONA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.