Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD usaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kudakora nk’uwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > MSD usaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kudakora nk’uwo (...)

MSD usaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kudakora nk’uwo yasubiriye

mercredi 30 Gitugutu 2013

Mw’itangazo baraye bashize ahabona mu mugambwe MSD, basaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ko yokwitwararika ibibazo vya politike yo mu Burundi kurusha uwo yasubiriye Teresiyo Sinunguruza, kuko we yasa n’uwabiravye irari rari.

Muri iryo tangazo nyene, umugambwe MSD usaba ko icegera c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza yoshira mu ngiro ivyo yasabwe n’umukuru w’umugambwe avamwo Uprona ku bijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, ko ivyo bikorwa vyobanzwa kwumvikanwako na bose.

Ikindi uyo mu gambwe usaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri iryo tangazo, ni ukuvira hasi ubutungane budakora neza, abantu bahohoterwa bazira ubusa, ivyo bikaba biri mu vyotuma amatora yo mu mwaka w’2015 atagenda neza.

Twobibutsa ko umugambwe MSD ari umwe mu migambwe itavuga rumwe na Leta, uwo nawo ukaba uhurikiye mu runani rw’imwe mu migambwe yo mu runani ADC Ikibiri, urunani rwavuye mu matora yo mu mwaka w’2010 rwagiriza umugambwe uri ku butegetsi kwiba amatora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.