Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu Burundi abagabo nabonyene barakubitwa n’abagore babo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Mu Burundi abagabo nabonyene barakubitwa n’abagore babo

Mu Burundi abagabo nabonyene barakubitwa n’abagore babo

vendredi 18 Nzero 2013

Mu Burundi abagabo bamwe baricwa abandi barirukanwa mu ngo abandi bagahebwa n’abakenyezi babo mbere bakabatana abana harimwo abaconka n’imicuko tutibagiye abapfungwa ku kadenderezo k’abakenyezi babo canke umwikeko. Ngayo amabi akorerwa abagabo mu bururundi yemezwa n’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka k’umugabo na cane cane abari mu ngorane APHD mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Vincent Bukuru arongoye ishirahamwe APHD avuga ko iryo shirahamwe rimaze kwakira abagabo batari bake barishikiriza amabi bakorerwa mu kibano kenshi bakayakorerwa n’abo bubakanye, abana babo canke bamwe mu bagendana n’iyo mirwi ibiri.

Uyo yishinze gukingira agateka k’abagabo asaba Inama mpuzamakungu ijejwe ivy’agateka ka muntu gukora umugambi wo gukinga amabi akorerwa abagabo nk’uko vyakorewe abakenyezi n’abana ,ikindi naco mu mugambi wo kunganisha ibitsina ngo vyokorwa no mu kwiyamiriza amabi akorerwa abagabo.

Mu Burundi ngo harakwiye gushirwaho amategeko ajanye n’ivyo gukingira kiremwa muntu ariko umurwi wose ugakorerwa amategeko awuraba ,abagabo ntibibagirwe nk’uko biri ubu kuko ngo hashirwa imbere abana n’abakenyezi nk’uko Bukuru Vincent abandanya abivuga.

Bamwe mu bagabo twavuganye baremera ko ayo mabi ariho ariko ng’ufatiye ku mico y’ikirundi ngo ntivyoroshe kuvugira ahabona ko umugabo aganzwa canke akubitwa n’umugore wiwe. Barashima ko iryo shirahamwe ryabonetse mugabo bagahanura ko ryomenyeshwa bose kugira ntihagire uwubanadanya atotezwa akabura aho avugira.

Abakenyezi bobo bavuga ko abagore bakorera amabi abagabo babo baba basanzwe batagira ubuntu. Basaba ko ababijejwe batotinya guhana umukenyezi yarenze amategeko mu gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu ,ahubwo ko yohanwa biboneka kugira n’abandi babonereho akarorero ko kubaha n’ukubahiriza uwo bubakanye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.