Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu giporisi ntaco bashima kuvuga ku ruhigi rwa Zebiya Ngendakumana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Mu giporisi ntaco bashima kuvuga ku ruhigi rwa Zebiya Ngendakumana

Mu giporisi ntaco bashima kuvuga ku ruhigi rwa Zebiya Ngendakumana

lundi 7 Ndamukiza 2014

Abikekwa kuba ari abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana baharurwa mw’ijana barafashwe n’igiporisi ku munsi w’ejo kuw’Imana. Igihe bafatwa, bariko barasengera ku muhana w’umwe muribo muri komine ya Bwiza.

Ku muhana uri mu Bwiza kurya 2 inomero 16 ahasanzwe bivugwa ko habera umubano rukristu wa bamwe mu basanzwe basengera muri paruwasi Saint Michel, hagumye hagendurwa na bamwe mu bambaye impuzu zisanzwe, ariko bivugwa ko boba bakorera igiporisi c’Uburundi, abo nabo boba bari bafise amakuru ko Zebiya Ngendakumana ahava aja kuhasengera, nabo bace bamucakira.

Hermenegilde Harimenshi umuvugizi w'igiporisi

Nk’igihe c’isaha y’icumi z’umuhingamo, abaporisi bakaba baciye binjira muri uwo muhana, abariyo nka bose barafatwa. Ariko kubera abariko barahasengera nka benshi bari abakenyezi bageze mu zabukuru, vyaranse ko burira ikamyo y’abaporisi, ariko guca bazana imiduga yunguruza abantu itatu minini minini kugira bose bashobore gupakirwa. Imiduga yo mu bwoko bwa "Coaster" itatu yuzuye abagore n’abagabo ndetse harimwo n’urwaruka bariko barasenga baciye bajanwa mu biro bikuru vy’igendereza ry’Uburundi.

Uwo muhana rero uri mu Bwiza, nk’uko amwe mu makuru yabivuga, woba ukunda gusengerwamwo na Zebiya Ngendakumana, umwigeme avuka i Businde, muri komine ya Gahombo, mu ntara ya Kayanza, avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya.

Mu giporisi c’Uburundi ntaco bashima kuvuga kuri ivyo vyukurondera Zebiya Ngendakumana, canke ku bijanye n’abafashwe bariko barasenga. Umuvugizi w’igiporisi Hermenegilde Harimenshi, yabariye ikinyamakuru IGIHE ko bakiri mu matohoza, ataco haragera ko bavuga, mu gihe hari n’amakuru avuga ko abo bafashwe boba barekuwe. Mu giporisi c’Uburundi ntaco bavuga kuri ivyo vyose. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi nta muco yatanze.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.