Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugeni bwa gihutihuti, intanduruko yo kwahukana ku bubakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ubugeni bwa gihutihuti, intanduruko yo kwahukana ku bubakanye

Ubugeni bwa gihutihuti, intanduruko yo kwahukana ku bubakanye

samedi 7 Nyakanga 2013

Mu gisagara ca Bujumbura, turi benshi tuja mu manza z’ubugeni, zimwe ndetse ugasanga bakoresheje uburyo butagira uko bungana ariko hahera iminsi ugasanga batandukanye. Ingo nyinshi ziriko zirasambuka usanga ari izabakiri bato bari hagati y’imyaka 20 na 35, ivyo kenshi bikava ko abageni baba batafashe umwanya ukwiye wo kumenyana. Ikinyamamkuru IGIHE kikaba cashimye kugira ico kibivuzeko na rirya ico kintu kiraje ishinga abatari bake.

‘’Kuva mu kwezi kwa Nzero gushika mu ntango z‘ukwezi kwa Myandagaro, mu bantu basezeranye 89, igitigiri kingana 11 nibo bamaze kuja gusaba kwahukana ‘’, ivyo tukaba twabimenyeshejwe n’icegera c’umukuru wa sentare y‘intango ya Rohero. Ivyo rero si ngaho muri komine Rohero gusa, ahubwo no mu yandi ma komine y’igisigara ca Bujumbura biribonekeza.

Buri muntu wese afise uko abona izo ngo zisambuka ata n’imisi zimaze. Icegera c’umukuru wa sentare y’intango ya Rohero yatumenyesheje ko ibituma bikuru bikuru usanga akenshi bijanye no kurenga ibigo hamwe no gufata nabi uwo bubakanye. Amenyesha kandi ko ubu muri kino gihe abakenyezi batagishima gufyonderako nk’uko bavuga ngo NIKOZUBAKWA Ubu abananiranywe kwubakana baravana. Kera umukenyezi yarabana amagorwa, akaguma mu rugo ubu si ko biri, ndetse ubu usanga hari benshi bahukaniye mu nzu, abandi barabataye bari mu mahanga.

Habarugira Patrice, ari mw’ishiraahamwe riharanira agateka k’abakenyezi aratuma agatoke abavyeyi. Asigura ko abavyeyi bakwegera abana babo, na cane cane nk‘íyo vyashitse nk’umukobwa agatwara inda baca bamwihutiriza gukora ubugeni kandi batigeze bitegura, ivyo vyose bakabikora kugira ngo bagumane icubahiro c’umuryango

Uwo mushingantahe aharanira agateka k’abakenyezi aranegura cane abo bavyeyi bashima guhezagira ingo zabo bana kandi bazi ko zitazorama. Kubwiwe, abo bavyeyi baba bahevye kazoza k’abana babo ngo bariko barwanira icubahiro cabo.
Aranegura kandi ukuntu imico yo hanze yamaze gufata urwaruka rwo muri kino gihe. Kuri ico, amenyesha ko ubugeni bwinshi buba ata n’imisi bamaranye bakundanye gusa bagapfa kubonana bagaca bubaka batanazinaye.

Urwo rwaruka ntiruhana umwanya ukwiye wo kumenyana, kwiga umwe wese ukuntu ameze, gutahurana no guhebera uwundi mu gihe aba yakoze ico uwundi adakunda. Asigura ko mu mico y’abarundi, ubugeni ni amasezerano y’ubuzima bwose. Ninaco gituma umuntu ategerezwa kwubaka yabanje kuvyiyumvirako neza. Amenyesha kandi ko n’ubukunzi bw’amahera ari igituma nyamukuru abantu bahukana. Abakiri bato bamwe bamwe baremera vuba kwambikana impeta ku mvo imwe gusa yo gukunda amaronko. Iyo rero ibintu bihindutse, abenshi baca bahukana.

Ariko naho bimeze uko, sentare iraha akaryo abo bubakanye ko gusubirana bakumvikana, ariko rero uwurongoye sentare y’intango ya Rohero amenyesha ko akenshi abo bubakanye baba bipfuza kwahukana baja muri izo sentare bamaze igihe kinini batabana canke naho ugasanga baramaze gufata ingingo yo kwahukana atakikibasubiza inyuma. Amenyesha ko n’ubwo bimeze uko hari igihe ababa baramaze kwahukana basaba basubirane kandi sentare irabibemerera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.