Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadasigana baribaza namba CNDD FDD izoheba ikabareka bakinjira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abadasigana baribaza namba CNDD FDD izoheba ikabareka bakinjira (...)

Abadasigana baribaza namba CNDD FDD izoheba ikabareka bakinjira UMUGUMYA?

samedi 29 Munyonyo 2014

Mu mugambwe UPRONA ishami riyoboka umushingamateka Karori Nditije bavuga ko ari umunezero udasanzwe kubona baraye batsinze Reta mu rubanza rwaciriwe muri sentare y’akarere k’Ubuseruko bw’Afrika EACJ, ku rubanza rw’iyakwa umugambwe wabo, igisigaye akaba ari uko indongozi z’uwo mugambwe ziwusubizwa.

Inyuma y’aho bamwe mu bashingamateka nka Gasutwa Bonaventure asanzwe arongoye umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, Jean Baptiste Manwangari yigeze kurongora uwo mugambwe hamwe na Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA utemewe n’ubutegetsi bitwariye muri iyo sentare y’Ubuseruko bwa Afrika, sentare ikaba yabonye ko inama nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009 ariyo yonyene itegerezwa gufata ikibazo c’umugambwe UPRONA mu minwe, ndetse bakabona ko umushikiranganji w’intwaroyo mu gihugu hagati n’igiporisi baburagije ibikorwa vy’uyo mugambwe utavuga rumwe na Reta ya CNDD FDD.

Mu mugambwe UPRONA ishami rishigikiye Nditije ari naryo ndetse ririmwo n’abashingamateka n’abakenguzamateka benshi bakomoka muri uyo jmugambwe wa RWAGASORE, abawurongoye bakavuga ko ibice 95 kw’ijana vy’abagize iyo komite nkuru bashigikiye umushingamateka Nditije Karori, hamwe n’umwigisha muri za kaminuza Varisito Ngayimpenda ku burongozi bw’umugambwe. Mu Badasigana bayaze n’ikinyamakuru IGIHE muri aka gatondo ko kuri uyu wa 29 Munyonyo uwu mwaka, bakaba bavuga ko gutsinda bari bavyiteze kuko no muri sentare zo mu Burundi bari baratsinze, ariko ubutegetsi bwa CNDD FDD bubicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba aribo babazingamikiye umugambwe bawuha Concilie Nibigira n’abo bacuditse.

Tukabibutsa ko abashigikiye umushingamateka Nditije babujijwe akatari gake n’igiporisi kugira inama canke kwegera inyubakwa yabo yo ku Mugumya, aho baterwa n’ivyuka vyokera bimwe bikoroza amosozi, ndetse ku wa 8 Ntwarante uyu mwaka, abaporisi bakaba babiteye abakenyezi bahurikiye mu muhari UFB barimwo bamwe mu bakenyezi bigeze kurongora inzego zikomakomeye nka Sylvie Kinigi yigeze kuba icega c’umukuru w’igihugu, Lewokadiya Nihazi yigeze kuba umushikiranganji, bamwe mu bigeze kuba abashingamateka n’abandi, mu gihe bariko barahimbaza uwo munsi, bankiwe gushikira ingoro ya UPRONA iri ku Mugumya.

Abakenyezi ba UFB imbere y'uko baterwa ivyuka bikoroza amosozi

Aristide Nizigire

Messages

  • Aba uprona bobo barahiriwe nene FNL yoyo kwititwara.erega imana irakunda abatavuga rumwe nareta,

  • Ewe abdoul na fnl imana yoyifasha botsinda kuko uhoraho ni umuvugizi w’impahazwa.kandi ikindi naco imigambge yos itavuga rumwe naba dd ibe maso kuko intego yabo nuko bayicanishamwo igasanzara nk’umuguruka."akarorero"fnl uprona .frodebu"n’iyindi .ariko iyo migambg yohuriza hamwe yotsinda abo ba dd.ariko banashiremwo cane cane"Uhoraho yaremye ijuru n’isi.murakoz

  • Hahahhaah erega Uprona ya Nditije yahagaritswe na ministèrede l’intérieur kandi niyo yonyen ifise ububasha bwo kuyisubiza mu mirimo

  • Ese urukundo bafitiye FNL!ni nk’akaja mu nda pe!ngo fnl, Imana yoyifasha yotsinda dd,umve yemwe akogahemo!Hanyuma ngo fnl na frodebu bojaha mwena Uprona botsinda dd, ba sagakwavu ntibari hake basi!Mbega Msd yoyo boja hamwe nande?Ntarunani bakeneye kugira batsinde dd? Mbega hamwe fnl yotsinda nkuko babiyipfurije,aho ubwo Uprona yopfa iyemereye emwe sinzi!aho muracibuka ayo baburiye aba frodebu mu1993,canke fnl nyene muri 2010!uprona rero ni bafashe Fnl kuburana kuko nibo bafise incabwenge nyishi ,par rapport,yamara ukunze umwana kurusha nyina uba ugomba kumumutwara. ego basi fnl na frodebu ni bafore amazuru ngo bari murunani na porona,ntibazi ko uwutemera aba cndd-fdd nabo nyene atabemera!

  • Noneho Ukuri Kuratsinze.Nibabareke Rero.Si Ubutungane Bubejeje None? Nibabinjize Kumugumya Wabo.

  • Ndibaza ingene bigiye kugenda hagati y’umugore Consiria n’umushingantahe nditije mbegumye gutya umukuru wumugambwe azoba ashirwaho na reta bose bazoba bavuga bati reta ikora neza kandi yica abo ijejwe kurinda kandi yiba numubabaro.

  • Kuri runo rubuga hari abandika bafise intumbero yogusigura ko Uprona na fnl batokorana,ndetse bakisigura bashaka ko abanywanyi ba frodebu cg fnl ngo bova inyuma Uprona.Ark uwo mutego wanyu urazwi kuva kera. Mbega fnl ubona yokwirikira umugambwe watungiriye abawo kubiti nka mabrochette cg umugambwe wataye inzirakarengane muruvubu.Ahanta cigwa mwoduha nimutureke twitunganye. Ubu naho mwize uburyo bwogucira imanza abandi mubarengutsaagasakisaki nkaho umunga murera ndabarahiye namwebwe ntimusye bwose umunsi. Umunsi umwe cpi izobakenera kuko ntimubuze ivyo mwagirizwa.

  • UPRONA oyeeee....uprona izotsinda nka mbere,mukomere ivyo batugirira n’umwana w’IMANA yarakubaguwe mugabo yaratsinze. UPRONA izotsinda bamaramare kuko ubu irafise indongozi atari ba nsumire inda

  • UPRONA oyeeee....uprona izotsinda nka mbere,mukomere ivyo batugirira n’umwana w’IMANA yarakubaguwe mugabo yaratsinze. UPRONA izotsinda bamaramare kuko ubu irafise indongozi atari ba nsumire inda

  • UPRONA oyeeee....uprona izotsinda nka mbere,mukomere ivyo batugirira n’umwana w’IMANA yarakubaguwe mugabo yaratsinze. UPRONA izotsinda bamaramare kuko ubu irafise indongozi atari ba nsumire inda

  • UPRONA oyeeee....uprona izotsinda nka mbere,mukomere ivyo batugirira n’umwana w’IMANA yarakubaguwe mugabo yaratsinze. UPRONA izotsinda bamaramare kuko ubu irafise indongozi atari ba nsumire inda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.