Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafashwe ku nguvu 13640 nibo bituye ikigo Seruka mu myaka cumi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abafashwe ku nguvu 13640 nibo bituye ikigo Seruka mu myaka cumi (...)

Abafashwe ku nguvu 13640 nibo bituye ikigo Seruka mu myaka cumi iheze

mardi 3 Nyakanga 2013

Ikigo seruka caramutse cigina imyaka cumi kimaze gishinzwe ku civugo : " Imisi yose twama hafi abanyagihugu kugira dukinge ifatwa ku nguvu kandi twongere dufashe ababikorewe." Kabaye akaryo ko gushikiriza ivyaranguwe bikuru bikuru muri iyo myaka cumi irangiye. Icibonekeje, n’uko ibiharuro vy’abafatwa ku nguvu biguma vyiyongera, abantu ibihumbi 13640 nibo bituye ikigo Seruka kuva mu mwaka w’2003.

Ibiharuro vy’abafatwa ku nguvu biguma vyiyongera kuko ku kwezi ku kwezi, ikigo Seruka cakira abagera ku 120. Ibihe vy’intambara n’umudugararo Uburundi bwahitiyemwo, kubura inyigisho zikwiye ku bahoze ari abarwanyi, ingorane y’inyigisho zidatangwa mu miryango hamwe n’ukudahana nivyo bintu nyamukuru bituma ivyo biharuro vy’abafatwa ku nguvu biguma vyiyongera.

JPEG - 31.9 ko
Bamwe mu bari mu kiganiro catunganijwe n’ikigo Seruka

N’aho ibiharuro bikiri hejuru, muri kino gihe mu kigo Seruka barashima ibikorwa bitari bike vyaranguwe n’ico kigo : hari uturusho tutari duke, hari abafashwe ku nguvu bagiye ahabona barongera baranavurwa (abashitse imbere y’amasaha 72). Nk’uko vyamenyeshejwe na Sandrine Inarukundo, umukuru w’ikigo Seruko, ibice vyabitura ubutungane vyaraduze biva ku bice 20 bija ku bice 36 kw’ijana. Ico kigo caratanze n’inyigisho kubatari bake mu gisata c’ubuvuzi.

N’aho utwo turusho twabonetse, mu Burundi haracibonekeza ingorane zitari nke na cane cane mu gisata c’ubutungane, aho ababa bafashwe ku nguvu babura ivyagiriji n’ivyemezo bikwiye, uburyo buke bw’ababa bafashwe ku nguvu bugaca butuma bashima kunuma kuko ari intwambwe zitari nke kugira uwakoze icaha ahanwe. Iyindi ntambamyi ni abashingantahe bamwe bamwe baca basaba uwafashe n’uwafashwe ko bobihereza mu kanywababo mu miryango.

JPEG - 30.9 ko
Sandrine Inakabondo (hagati), umukuru w’ikigo Seruka

Sandrine Inakabondo atwara ikigo seruka agasaba ababijejwe bose gushira inguvu hamwe kugira bahimirize, bakinge ayo mabi yo gufatwa ku nguvu, bongere bahane bimwe vy’akarorero ababikoze.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.