Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mubimbi : Guharika biriko biratuzwa bimwe bishimishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Mubimbi : Guharika biriko biratuzwa bimwe bishimishije

Mubimbi : Guharika biriko biratuzwa bimwe bishimishije

dimanche 8 Nyakanga 2013

Uguharika kwibonekeza mu bagabo bo muri komine ya Mubimbi, kuri mu bituma iterambere ry’abanyagihugu n’iry’ikomine yabo ritotera imbere. Abarongoye abandi muri iyo komine baragerageza gutuza ako kageso, ariko abagafise bo ntibahaha, kuko bapfuma baja guharikira mu zindi komine zegereye Mubimbi.

Nk’uko bivurwa n’abarongoye abandi, uguharika biribonekeza muri iyo komine, aho usanga umugabo afise abagore babiri canke batatu, ivyo rero bigakomera cane mu kiyaya c’Imbo, iyo komine ya Mubimbi isanzwe ndetse iherereyemwo. Musitanteri w’iyo komine umupfasoni Matrone Nzeyimana, avuga ko bakora ukwo bashoboye kugira batuze iyo ngeso, mu gukorana n’abakuru b’imitumba, co kimwe naba nyumbakumi, mugukora amatohoza ku mugabo wese aba yaharitse, canke ko atamuntu mushasha aba amaze iminsi mu gace barongoye. Iyo rero bishitse umugore agira kabiri canke gatatu, araheza agaca yirukanwa ubutarariye n’abarongoye imitumba canke nyumbakumi. Kubera izo ngingo, abagabo benshi bo muri iyo komine baja guharikira mu zindi komine zegeranye na Mubimbi nka Isare, Kanyosha, Rugazi na Mutimbuzi. Iyo rero bimenyekanye naho ko baciye bahungishiriza uyo mugore muri izo komine, uyo mugabo arahanwa bimwe bishimishije, ndetse n’ugupfungwa birajamwo.

Kubera izo ngingo, iyo ngeso y’uguharika iriko iragabanuka. Musitanteri akaba aheraheza avuga ko iyo ngeso izouma ituzwa gushika naho, abayifise bateshwa bagata.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.