Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mugina: bamwe mu bakenyezi bubakiye ku nkovu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Mugina: bamwe mu bakenyezi bubakiye ku nkovu

Mugina: bamwe mu bakenyezi bubakiye ku nkovu

mercredi 4 Kigarama 2013

Abakenyezi bo muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke, bavuga ko bahura n’ingorane nyinshi zitandukanye mu ngo. Ivyo bakaba babivuze muri iyi minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Abo bakenyezi rero bo muri komine ya Mugina, bakaba bamenyesha ko baharikwa atacamira, itunga ry’umuryango rikanyika babona ata n’ico bari buvuge, abagabo babo ntibemere ko baja kwubakana biciye mu mategeko, ndetse abakenyezi benshi bo muri iyo komine ya Mugina, bakaba bavuga ko batanditswe muri komine eka banakubagurwa gukubagurwa.

Abakenyezi rero bakaba bavugiye mu ruganda rwari rwateguwe na CEDF mu ntumbero yo gusigurira abakenyezi, uburenganzira bwabo n’akamaro bategerezwa kumarira urugo n’umuryango, mu ntumbero yo kwifatikanya n’abo muri iyi minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Abitavye izo nyigisho bakavuga ko badashobora gukura ururimi mukanwa, ngo bavuge amabi bakorerwa, kuko abo bubakanye bagize barumva babivuze, baheza bakabakubagura, canke bakabata mu mazu, bakaja kubana n’abandi kure. Ingorane zigaheza zikaba nyinsi, mu gihe abo bapfasoni baca baheza bakarondera ukwo abana babo babaho ari bonyene, ibiheza bikabagora na rirya ukuboko kumwe kutimara uburyi.

Basaba nyabuna abarongoye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’akabakenyezi, ko bokurikiranira hagufi ibibazo biri mungo zitandukanye, kuko abakenyezi benshi bubakiye ku nkovu, ndetse bakabura n’ukwo bari buserure ingorane zabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.