IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Komedi > Muri Canada Michou arabatwenza n’imbavu zikuma

Muri Canada Michou arabatwenza n’imbavu zikuma

mardi 21 Nzero 2014

Umwuga wo gutwenza abantu watanguye kera mu Burundi. Uwo mwuga ntufise benshi bawukora kuko ari impano umuntu avukana. Michou ni umwe mu barundi bakoze uwo mwuga kandi n’ubu aracawukora iyo ari mu mahanga.

Willy Kabayabaya azwi kw’izina rya Michou ni umwe mu barundi bazwi mu mwuga wo kunezereza abantu «Comédie» mu kwigana canke gusubiramwo abantu, eka mu kugira ibintu bitandukanye kugira abantu batwenge.

Michou avuga ko yatanguye kwiyumvamwo iyo mpano akiri muto, mu mwaka w’1987, mu gihe yiga amashuri matomato. Ico gihe, Willy Kabayabaya "Michou" yavuga amakuru y«’ikiwani». Mu Burundi hariho abandi batwenza bari babizobereyemwo, muribo harimwo igihangange mu gutwenza Jean Pierre Nyamoya, iruhande yiwe hari uwundi yaturuka mu gihugu kibanyi ca Congo kicitwa Zaïre, uwo yari azwi kw’izina rya Kibamba wa Kibamba.

Ico gihe Jean Pierre Nyamoya na Kibamba wa kibamba barateramisha abantu ku kibuga cahoze citwa Prince Louis Rwagasore mu biteramo vya «Foire», na Michou rero yararonka akanya agatwenza abantu, niko kumenyera guteramisha abantu abatwenza.

Amaze kumenyekana, yaronkejwe akazi ku nsamirizi y’abanyagihugu «RPA : Radio Publique Africaine» icugurura, aho yahamaze imyaka mike, aca yigira inama yo gukora ivyiwe. Ivyiwe yakoze, yuguruye «Studio» aho yategurira inkuru zo gutwenza, iyo nzu «studio» yari ahitwa Bata. Aho hose yagiranye amasezerano n’amashirahamwe nka Brarudi na Leo aho yari umu M.C «Master of Ceremony».

Tumubajije ko hari abandi bafise ingabirano yo gutwenza «Comediens» yabona, Michou yatubwiye uwitwa Lofombo bakorana muri iyo «Studio», aratubwira kandi uwitwa Christian akina mu gikino umuco.
Michou amaze kuva mu Burundi akaja mu gihugu ca Canada, umwuga ntiyawusize mu Burundi. Mu gisagara ca Vancouvert niho yashikiye. Ico gisagara ni ica 3 mu mareresi no mu buhinga bwo gutwenza «Films et Comedies», inyuma y’ibisagara vya New York na Los Angeles, aho yaciye amenyana n’abo mw’ishirahmwe LAFFLINES COMEDY. Ibiteramo 3 vya mbere yabigiriye mu bisagara vya Ottawa, Edmonton no mu bisagara bibamwo abirabure «Communautés Africaines»

Muri kino gihe, Willy Kabayabaya "Michou" ariko yitegurira igiteramo gikomeye cane co muri Canada kiba ku mwaka ku mwaka, bakacita «Juste pour Rire», bisobanurwa «Gutwenga gusa», kizoba kuva kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma gushika kurya 21 i Ottawa.
Michou atera intege abarundi bose biyumvamwo iyo mpano kuyishira ahabona kuko n’umwuga co kimwe n’iyindi kuko gutwenza bitunze umuryango wiwe. Muri kazoza yipfuza gushinga ishirahamwe n’abandi batwenza bo mu Burundi «Comédiens Burundi». Michou afise imyaka 40, amaze imyaka irenga 20 akora umwuga wo gutwenza.

Irabire zimwe mu nkuru zitwenza za Michou

Cherif Nkeshimana

Messages

  • ni flesh man we komeza . big up my friend !

  • sha birasus kwel komez kuraj michou murashoboy

  • nn amaze ku gira umugambi yaciy ajahe nu murind cank

  • Nkunda inkuru zitwenza kuko ziramfasha iyo hagize ikinshavuza .Mari muzi KO kuba mwiza cane nasanze bitera urupfu use utinya ivyo bakuvugako umve umugore yabonye benshi bamubwira ko ari mwiza aca ata abana aragenda bamwe bamubwira KO ari mwiza baramuhanahanye ahaburira umugabo nubu aracamurondera nsinzi KO azomubona inyungu yahatoteye akoyoko ubudahomba ningwara ya sida bantu mukunda ibisusu Ubu hagiyeho itegeko rivuga KO uwufise ibisusu binini bagiye gutanga ikori mbere batange na permis de conduire ibisusu abaopfuza kubigendesha Bose bategezwa kumenya kwecaza ivyo bisusu .mbe ababigendesha bazoba ari bande balèze gute? Iyo ni nkururu tubandanya mu kinyamakuru permis de conduire ibisusu.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.