Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri CNDD FDD barizeza kw’ihiganwa ryo mu mwaka w’2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Muri CNDD FDD barizeza kw’ihiganwa ryo mu mwaka w’2015

Muri CNDD FDD barizeza kw’ihiganwa ryo mu mwaka w’2015

samedi 25 Nzero 2014

Mu gihe mu mwaka w’2015 igihugu c’Uburundi kizokwinjira mu matora y’indongozi nshasha, umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi urizeza abarundi n’amakungu mu kwemeza ko wipfuza ihiganwa rya poritike ryiza hagati y’abavukana badasangiye imigambwe, ariko basangiye ugupfa n’ugukira, uburaro n’uburamuko.

Mu mugambwe CNDD FDD baripfurizanije umwaka mwiza mushasha w’2014, ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 24 Nzero 2014. Imbere y’abatumire, mw’ijambo ryo kwakira abashitsi, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingmateka Pascal Nyabenda yasavye abanyeporitike kwama birinda imvugo zo gushikuza, kubesha n’ukwambikana ibara, batore inyishu z’ibibazo ata nduru zirinze kuvuga.

JPEG - 1.2 Mo
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDDFDD

N’aho umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, n’umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana batabonetse muri ivyo birori, Pascal Nyabenda, arongoye umugambwe CNDD FDD yarashimye igikorwa inama nshingamateka na nkenguzamateka zakoze mu gutunganya inama yahuje abarongoye imigambwe, amashirahamwe atandukanye adaharanira inyungu za Poritike, abaserukira amashengero hamwe n’abandi, ku kibazo co guhanahana ivyiyumviro ku ngingo zohinduka mw’ibwirizwa nshingiro. Kubwa Pascal Nyabenda, mu minsi ibiri bamaze baganira, abarundi berekanye ko bashobora kwicarana, bakayaga ivyubaka n’ibiteza imbere igihugu. Yasavye inama nshingamateka na nkenguzamateka ko zokwerekana ingingo zikwiye guhinduka, n’ingene zohindurwa zisunze ivyo abanyeporitike n’abandi bayaze ku neza y’igihugu n’abarundi bose.

Ku bijanye n’amategeko ateye impari nk’irya CNTB (Commission Nationale Terre et Autres Biens), umushingamateka Pascal Nyabenda yamenyesheje ko n’aho bafise abashingamateka n’abakenguzamateka benshi, umugambwe CNDD FDD wamye ushira imbere ukuja inama n’ingingo kiretse hari abadashaka umwumvikano.

Muri ivyo birori vyo kwipfurizanya umwaka mwiza w’2014 mu mugambwe CNDD FDD, tubamenyeshe ko mu bategetsi bakomeye mu mugambwe CNDD FD, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asanzwe arongoye inama y’inararibonye za CNDD FDD atashoboye kuboneka muri ivyo birori, hamwe n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma na Gabriel Ntisezerana umukuru w’inama nkenguzamateka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.