Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri FRODEBU baratewe amakenga n’abantu barekurwa bagirizwa ubwicanyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Muri FRODEBU baratewe amakenga n’abantu barekurwa bagirizwa ubwicanyi

Muri FRODEBU baratewe amakenga n’abantu barekurwa bagirizwa ubwicanyi

vendredi 12 Mukakaro 2013

Mu mugambwe FRODEBU (Front de la Democratie du Burundi) basaba abanyagihugu kuba maso mu gucungera umutekano wabo, inyuma y’aho harekuriwe abapfungwa bagirizwa ubwicanyi.

Kubw’abarongoye uwo mugambwe wa Ndadaye Melchiol, irekurwa ry’abafungwa bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi ndengerabutungane ryoba rifise iyindi ntumbero itaramenyekana, ivyo bakabishikiriza bafise amakenga mu gihe twimirije kwinjira mu kiringo c’amatora y’umwaka w’2015.

Frederick Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, ku nsamirizi y’abanyagihugu RPA yasavye abanyagihugu gucungera umutekano wabo.

Tubibutse ko abo barekuwe ari uwo batazira Ndomboro n’abandi babiri bari bapfungiwe hamwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bagirizwa ubwicanyi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.