Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musaga : Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Musaga : Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’imbonerakure

Musaga : Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’imbonerakure

lundi 16 Nyakanga 2013

Inyuma yaho imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zikororeye ibendera ry’umugambwe MSD zigaca ziritabura, bukeye imurikirakuri nazo z’umugambwe MSD zikaba zaciye zikorora ibendera ry’umubambwe uri ku butegetsi, zica ziraritabura, ivyo rero bikaba vyatumye urwaruka ruhurikiye muri iyo migambwe ukwo ari ibiri bo muri komine ya Musaga batarabana riyiza.

Bamwe mu bari mu mugambwe MSD bakaba baciye bahabwa umutahe, bakaba bagirizwa destruction mechante ( Ukwonona ku bushake). Kuri uyo mutahe nyene aho abo batumweko basabwa kurenguka mu gitondo co kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 16 Nyakanga umwaka w’2013, ariko bica birababaza uruhande rumwe rwarengukijwe, urwo narwo rukaba rwari uruhande rwa MSD. Urwaruka rutari ruke rero ruhurikiye muri MSD, rukaba rwari rwakubise harazima imbere ya sentare yo ku Musaga, mu gihe bavuga ko bari baje gushigikira benewabo bari batumweko mu butungane. Mu gipolisi ku Musaga, ntaco bashimye kuvuga ku bijanye n’iyo nyifato mbi yogutabura amabendera y’abandi, nd3etse inyifatom ishobora gutuma haduka indyane mu beneburundi.

Ku bwa Evrard Dukundane arongoye urwaruka ruhurikiye muri MSD muri komine ya Musaga, asaba ko agasomborotso bagumye bagirirwa n’imbonerakure za CNDD-FDD kohagarara, abababarongoye nabo badashoboye kubashira ku murongo, avuga ko ukubihanganira batazobishobora. Akaba yasavye ko ubutungane bwogira amatohoza, bukamenya intandaro y’ugutabura amabendera y’umugambwe aho yavuye,. Hanyuma bagaheza, bagatumako imbonerakure zikitaba nazo nyene kuvyo zagirizwa.

Inararibonye zaho ku Musaga twashoboye kuvugana, basaba kizigenza, umukuru w’igihugu, we asanzwe kandi ariwe arongoye inama nkuru y’inararibonye z’umugambwe CNDD-FDD, ko yohagarika ako kajagari gaterwa n’imbonerakure,kuko bo bavuga ko hariho abantu bamwe bamwe boba bakokeza muri ico gikorwa kigayitse c’ugutabura amabendera.

Twobibutsa ko kubera ko imbonerakure zo muri CNDD-FDD, zitigeze zihabwa umutahe w’ukurenguka, abari batumweko bo muri MSD bakaba baciye bataha, ariko bakaba bazosubira kwitaba, barikumwe n’imbonerakure zagirizwa gutangura kwiba ibendera ry’umugambwe MSD, mu kurindira kandi, hakaba hategekanijwe ko hazoba ibiganiro hagati y’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ku Musaga hamwe n’uwutwara MSD aho nyene, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.