IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Musenyeri Piyo ntukamazina asaba ko hoba amatohoza

Musenyeri Piyo ntukamazina asaba ko hoba amatohoza

jeudi 14 Ntwarante 2013

Musenyeri w’ishengero rya Anglikani,Piyo Ntukamazina yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Ntwarante 2013,mu ntumbero yo gutanga umuco ku ndyane zivurwa muri iryo shengero.

Igihe yariko aratanga ico kiganiro,musenyeri Piyo Ntukamazina yaribukije ko Diyoseze ya Bujumbura igizwe n’amaparuwase 66 ari mu ntara 6 z’igihugu.

Izo ntara ni igisagara ca Bujumbura,Bujumbura rural,Bururi,Muramvya,Cibitoki na Bubanza,yaramenyesheje kandi ko abepisikopi 131 aribo bakorera muri diyoseze ya Bujumbura,akaba ariwe abarongoye kandi ko kugeza ubu ata numwe arashira ahabona amakosa yakozwe nawe.

Ariko rero naho biri ukwo,ihuriro ry’abepisikopi rimwagiriza ko adakora neza kandi ko akoresha nabi amatungo y’ishengero.

Musenyeri Ntukamazina yavuze ko yakiriye nabi ingingo yafashwe n’abepisikopi yo kumuhagarika mu mabanga,yamenyesheje kandi ko atigeze atanga inyigisho mbi kandi ko atigeze agerageza gucanishamwo ishengero.

Musenyeri Ntukamazina yavuze ko ikete ryemeza ko akuwe mu mabanga ryamaze gushikirizwa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 9 ntwarante 2013,Musenyeri yavuze ko iyo ngingo yafashwe idakurikije amategeko kuko yarenze ku ngingo zibiri ziha diyoseze yose ubwigenge bwo kugenzura ubutunzi bw’ishengero.

Musenyeri Ntukamazina yipfuza ko hoba amatohoza kugirango ashire ahabona amakosa yakozwe,aho niho yoshobora gutanga imihoho, ngo nayo na Musenyeri mukuru w’ishengero akura umusenyeri mu mabanga yiwe igihe hakozwe amatohoza icaha kikamwagira


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.