Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vatikano yagenye uwuyiserukira mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Vatikano yagenye uwuyiserukira mu Burundi

Vatikano yagenye uwuyiserukira mu Burundi

vendredi 18 Mukakaro 2014

Umwungere w’ekleziya Katolika yagenye musenyeri Wojciech Zaluski abe ari we amuserukira mu gihugu c’Uburundi .

Kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro, umwungere w’ Ekleziya katolika , Papa Fransisko yagenye uwuzomuserukira mu gihugu c’Uburundi , uwo nawe akaba ari musenyeri Wojciech Zakuski , umunya Pologne w’imyaka 54 yavutse ku genekerezo rya 5 Ndamukiza 1960.

Musenyeri Wojciech Zaluski yarigeze kurangura ibikorwa vyiwe mu Burundi hagati y’imyaka y’ 1989 na 1991. Imbere y’uko ashika mu Burundi , akaba yari avuye i Guatemala. Uyo akaba amaze gukora mu bihugu bitandukanye i Sri Lanka, Albanie, Georgie ,Ukraine, Philippines , i Malte hamwe n’i Guatemala. Avuga indimi zitanu ururimi rw’igifaransa ,ikirusiya ,ikidagi ,igitaliyano, hamwe n’icongereza.

Tubamenyeshe ko asubiriye Musenyeri Franco Copola, uwo nawe akaba yarungitswe gukora mu gihugu ca Centrafrika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.