Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara

Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara

lundi 2 Ruhuhuma 2015

Abanywanyi b’umugambwe UPD Zigamibanga bariko barabandanya ukwiyunga, ubu ivyo bikorwa bikaba biriko bibera mu nata z’Uburundi.

Mu ntara ya Muyinga ahabereye ivyo bikorwa mu mpera z’iyinga turangije, abanywanyi b’umugambwe UPD Zigamibanga bakaba baramukanije mu kuwana mu nda, kugira berekane ko ingorane bari bamazemwo iminsi z’ugucikamwo mu mashami zarangiye. Abo banyagihugu bakaba bamenyeshejwe n’umushingamateka Yassini Radjabu ko hariko harategurwa ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Yassini Radjabu yahoze mu mugambwe CNDD FDD imbere y’uko yinjira mu mugambwe UPD Zigamibanga, akaba yari mu murwi w’abahuza muri uyo mugambwe, yibukije abanywanyi b’uwo mugambwe ko atayindi nzira n’imwe ihari yo guhindura ibintu bidaciye mu matora, ari naco gituma ahamagarira abazigamabanga bose boba batiyandikishije mw’iyandikwa rya mbere, kudasigara inyuma mu kiringo kindi buca gishikirizwa n’umurwi ujejwe amatora CENI, kuri abo bose batiyandikishije kugira baze bitabire amatora yose.


Aristide Nizigire

Messages

  • Wamushingamatekawe urakoze gucishamwo akajambo kavugako atayindinzira yoguhindura ibintu ataramatora, kukohariho abibazako kwirirwa barementanya kwarivyo bizohindura ivyobibaza kobitameze neza, ivyonavyo vyamarementanya bontibaziko bibabiriko biratwononera democratie kuko igihugunkiki kikirigishasha mubijanye na democratie iyo uvanzemwo ivyamarementanya hacahibandanyiriza iterambere ryurwamogusa mugihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.