Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Uprona yoba iriko irasomborotswa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : Uprona yoba iriko irasomborotswa

Muyinga : Uprona yoba iriko irasomborotswa

dimanche 9 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Muyinga, amabendera indwi y’umugambwe w’Abadasigana Uprona yaraye yibwe muri komine Muyinga kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi umwaka w’2013.

Nk’uko bivurwa na Olivier Nkurunziza arongoye uwo mugambwe mu ntara ya Muyinga, avuga ko mu mezi aheze mu makomine nka yose y’intara ya Muyinga bivye amabendera y’uwo mugambwe, akavuga cane cane muri komine ya Giteranyi, Buhinyuza na Gashoho. Avuga ariko ko ivyaraye bibaye muri komine Muyinga ari akamaramaza, ndetse mu mugambwe bakabona ko ari agasomborotso.

Buramatari w’intara ya Muyinga avuga ko batanguye amatohoza kugire bamenye abaraye bakoze ivyo. Eka no mu mugambwe Uprona mu ntara ya Muyinga basaba ko amatohoza yoba maze abivye amabendera yabo bakamenyekana, ndetse bakayasubiza mu maguru masha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.