Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
N’abarundi bo mu Bufaransa bariko barategura isabukuru y’ukwikukira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > N’abarundi bo mu Bufaransa bariko barategura isabukuru y’ukwikukira (...)

N’abarundi bo mu Bufaransa bariko barategura isabukuru y’ukwikukira kw’Uburundi

samedi 29 Ruheshi 2013

Mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa bariko baritegurira ihimbazwa ry’isabukuru y’imyaka mirongo itanu n’umwe Uburundi bumaze bwikukiye, umusi uzohimbazwa ku musi wa mbere igenekerezo rya 01 Mukakaro 2013 mu Burundi.

Muri iyo ntumbero, mu buserukizi bw’Uburundi mu Bufaransa baratumiye abarundi bose baba mu gihugu c’Ubufaransa n’abanyamahanga bipfuza kwifadikanya nabo, babamenyesha ko ibirori bizoba ukuri kwamye.

Nk’uko Aloys Mugemencuro, uwutunganya ibikorwa vy’imfatakibanza mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa abimenyesha, harategekenijwe intererano izotangwa ku murwi uriko utegura ivyo birori, ikaba ingana n’amafaranga y’amanyaburaya atanu ku banyeshure na cumi ku bakozi, ayo akaba azotangwa mu ntumbero yo kuryohora ibirori.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyo guhimbaza isabukuru y’imyaka 51 n’umwe Uburundi bumaze bwikukiye bizoba mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2013 kw’isengero Sainte Marguerite riri kw’ibarabara Saint Bernard rya 40, umurongo w’icenda.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.