Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nabo basaba kuronswa amatongo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Nabo basaba kuronswa amatongo

Nabo basaba kuronswa amatongo

lundi 10 Ruheshi 2013

Abatwa ni ubwoko bw’abarundi , ndetse ubwo bwoko bukaba buri no mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, aha twovuga nko mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere k’Afrika y’Ubuseruko n’ahandi.

Abo banyagihugu bavuga ko ari abasangwabutaka kuko aribo bemeza ko aribo batanguranye n’isi, ndetse ugasanga cane cane batunzwe n’ibikorwa bahingura mu Butaka aha tukaba twovuga nko kubumba inkono hamwe n’uburimyi. Ni ubwoko bigararagara ko bwakumiriwe kuva kera, kuko uretse ko banenwa aho hambere hahise, nta n’ibikorwa vy’iterambere abo bantu bakorewe haba mu Burundi canke mu karere kose.

Mw’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi, abatwa bararonkejwe ibibanza mu nzego zitandukanye, aha twovuga nko mu nama nshingamateka, inama nkenguzamateka, eka ndetse baraserukiwe no mu nama nshingamateka yo mukarere k’Afrika y’Ubuseruko.

Mw’ishirahamwe UNIPROBA, bavuga ko bibanza bahabwa ari bike, ahubwo bagasaba ko boronswa ibibanza no muri Leta, ndetse bagaserukirwa bikwiriye no mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, eka ndetse barasaba ko no mu barongora haba amakomine canke intara nabo nyene boza barajamwo, bagashobora guserukira Uburundi mu makungu, eka n’ibindi.

Ku bijanye n’ikumirwa, umupfasoni Liberate Nicayenzi avuga ko nawe nyene vyamushikiye igihe yari mu mashure, haba igihe yiga mu mashure mato mato, canke mu mashure yisumbuye, ariko ku bw’Imana, yarize araheza amashure, ndetse n’igihugu kiramwizera aja mu barundi baserukira abandi mu nama nkenguzamateka.
Ku bw’’umukenguzamateka Liberate Nicayenzi rero, avuga ko ubu mw’ishirahamwe UNIPROBA bariko bararaba uko botanga ibitungwa mu ntara nka Muyinga, Ngozi n’ahandi kugire bagenzi babo bashobore nabo gutera imbere, kandi bakaba bahimiriza n’abana kuja mu mashure.

Twobibutsa ko abatwa bo mu Burundi batunzwe n’ukubumba cane kuruta iyindi myuga, ikindi naco ni uko ari abantu barangwa n’akanyamuneza kuko kenshi bakunda kuvyina n’ugutama. Bakunda kuvuza ivyuma kavukire vy’umuziki nk’ikembe, umuduri, inanga, ingoma, ndetse bagakoma n’amashi ku buryo bisangije, ndetse ugasanga ari bantu bake boshobora kwigana umudiho bakoresha mu gutamba.

Mu bijanye n’uko babayeho, ni bake baba mu mazu y’amabati, kuko benshi baba muri za nyakatsi, ndetse nk’abayaze na IGIHE bo muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, bemeza ko amabati bayagurisha kubera ubukene babayemwo, benshi muri bo nta matongo bafise kugire barime, bagasaba Leta ko yobaha amatongo kugire nabo bashobore kurima, bakorora nk’abandi, kuko ubu atabantu bakibagurira inkono nka kera, eka kandi bavuga ko inkono nyinshi bazishora mu gihugu ca Tanzaniya, bagaheza bakabaha ibiharage, igitobe n’ibindi.

Abo basangwabutaka kandi bavuga ko ingingo yo kwigisha abana ku buntu y’umukuru w’igihugu ari nziza, ariko bakavuga ko bigoye ko umwana aja mw’ishure ashonje, kuko mu nda harara inzara hakazinduka inzigo, bavuga ko umugambi wari warigeze gutangura ku mashure amwe amwe yo muri komine ya Giteranyi yo kugaburira abana ku mashure, ko boraba uko woja no ku,ashure yegereye cane cane abari mu bwoko bwa batwa kuko aribo bakenye cane muri iyo komine.

Bavuga ko bafungura rimwe gusa canke bakaja guca ingero. Iyo bagize Imana bagafungura iyo bari guca ingero, ivyo bakoreye bishobora gufasha ijoro n’umurango ukurikira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.