Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
«New Generation» yatanguje inyigisho z’imigambi y’iterambere ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > «New Generation» yatanguje inyigisho z’imigambi y’iterambere ku (...)

«New Generation» yatanguje inyigisho z’imigambi y’iterambere ku rwaruka

vendredi 8 Munyonyo 2013

Ishiramhamwe « New Generation » ryaraye ritanguje umugambi wo kwerekana, kwigisha no gukurikirana urwaruka rugitangura kugira imigambi yarwo. Urwo rwaruka akaba ari uruva mu karatiye yitwa kwatishoboye yo mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 8.2 ko
Dieudonné Nahimana, uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe "New Generetion"

Nk’uko Dieudonné Nahimana, uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe "New Generetion" abivuga, uyo mugambi watangujwe mu ntumbero yo gutera intege urwaruka rw’Uburundi mu gukora imigambi yo kwiteza imbere. Aho hari kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 7 Munyonyo 2013.

Nahimana Dieudonné yamenenyesheje kandi ko ibikorwa vya mbere vy’uyo mugambi azoba ari ugushigikira urwaruka rugitangura imigambi yo kwiteza imbere, mu kubereka ko kugira umuntu atanguze umugambi wiwe bidasaba kuba ufise amafaranga menshi ariko ko igikuru ari kuba ufise umugambi muriwe.

Nahimana ati : « Dushaka kwereka urwaruka rugitangura imigambi yarwo ko ivyiyumviro bishasha kandi birashe ako aba ari akaryo keza ko kuvyerekana na cane cane ku mashirahamwe ashobora kubashigikira ku mugambi urashe baba bafise».

Kubw’ivyo, urwo rwaruka rugiye kuronswa inyigisho zidasanzwe kubijanye no gutanguza imigambi be no kumenya gutunganya neza ishirahamwe. Bakaba bazobifashwamwo n’ishirahamwe BBIN ( Burundi Business Incubator). Iryo shirahamwe rikaba risanzwe rishigikira abanyamigambi kugira ribahe inyigisho zibereye ziri kurugezo rumwe nizitangwa n’ahandi kw’isi mu bijanye no gutanguza imigambi. Gutyo igipapuro cemeza abakurikiranye inyigihso kizoca kiza cemerwe mu bisata bijanye n’ivy’ubutunzi ku rwego rw’igihugu.


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.