Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara : Ntivyoroshe kurengana hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ngagara : Ntivyoroshe kurengana hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD (...)

Ngagara : Ntivyoroshe kurengana hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD FDD

samedi 25 Ndamukiza 2015

Mu gihe amatora mu muganbwe CNDD FDD y’uwuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ategekanijwe ko aza kuba, bamwe mu bitavye ivyo bikorwa batanguye kugenda butaraca.

Nk’uko amakuru yo kwizera twagiye tuyaronka, umuduga wa mbere, warenganye ku kiraro ca Muha, igihe c’isaha cumi n’iminota 48, abari muri coaster bakaba bagenda bararirimba, bambaye udupira n’inkofero vy’umugamabwe bati:’’Imbonerakure twashitse, tuje kubirangiza’’.

Muri ayo masaha nyene, hakaba harenganye ama coaster abiri ico gihe ca sakumi n’iminota 48 z’ubuca, aho bivugwa ko bariko bagana ingoro y’umugambwe CNDD FDD iri mu Ngagara, ahabera ibikorwa vy’ukwemeza izina ry’uwuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu. Amabarabara rero nka yose aca iruhande y’ingoro y’uwo mugambwe arugaye, nta muduga uharengana, Imbonerakure za CNDD FDD nizo zihacunze, zitonze ibarabara ryose, zikaba zambaye udupira, n’inkofera vy’uwo mugambwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.