Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute abantu borengera ibibabaza mu miryango ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ni gute abantu borengera ibibabaza mu miryango ?

Ni gute abantu borengera ibibabaza mu miryango ?

samedi 1er Ruheshi 2013

Abarundi barayamaze bati "Ntazibana zidakubitanye amahembe." Mu ngo zitari nke, haraba imishamirano bivuye ku kutumvikana canke ku kutubahana hagaca haba amatati mu miryango.

Akenshi abantu baribaza inyifato bogira mu gihe hari amatati mu ngo zabo. Hari n’igihe usanga bigoye ko umuntu yihanganira ayo matati, ariko hariho impanuro ziboneka nk’izotatura abacanyemwo hamwe zokurukizwa uko zitanzwe. Izo nazo tuzihabwa n’umurongo ngurukana bumenyi «selection.ca» :

1) Muvuge ibifise akamaro

Ni mwabona muriko murashwana hagati yanyu, muribaze namba ivyo muriko murashwanira hagati yanyu bizobagirira akamaro mw’isaha imwe canke bukeye bwaho. Inyishu muzosanga ari « Oya ».

2) Nimurengere ibibabaza

Igihe hazoba habaye imishamirano hagati y’uwo mwubakanye canke abana babashavuje, murabirengere, kuko bashobora kuba bateye amatati kubw’inyifato mbi kkumbure mwoba mwagaragaje. Muri ico gihe kugira murengere mwese ivyababaje, murace mwiyumvira ibihe vyiza mwabanye muri kumwe bizobatuma musubiza hamwe.

3) Nimwisamaze

Ntimushobora kwirukana mu nzu umuryango ngo n’uko wanse ko hagaruka amahoro n’umwumvikano hagati yanyu. Ariko mwebwe murashobora gutuma hagaruka agacerere mu gusohoka hanze, mukamera nk’abagiye kurondera ikintu mu kindi kibanza. Vyiza ni uguca mubareka, mukabigirwa kure ishavu ribanze rigabanuke. Ni mwagaruka muri iyo nzu, bazoshobora kuba bibagiye amatati yarahari, musange bariko baranaganira neza.

4) Nimuhagarike kwiyagiriza

Namba abo mu muryango wawe aribo batumye haba amatati hagati yanyu, nimureke kwiyagiriza. Nimwirinde bishoboka gusohora ijambo na rimwe ribi ribava mu kanwa kanyu kuko rishobora kugira inkurikizi zitari nke kuri abo bavyumvise bokwumva muvuze.

5) Nimwerekane ubwitonzi buri muri mwebwe

Kwanka kwifatanya n’abandi mu nyosha mbi, ni inyifato nziza mu bihe vy’amatati n’imishamirano. Kunuma mu mishamirano, ni ikintu gikomeye umuntu atokwirengangiza gukoresha mu bihe bigoye.

6) Murifate ntimujanwe n’ishavu

Namba hari uwubibukije ivyakera mwabayemwo bitenazereje kugire azane amatati, ntumuze mujanwe n’ishavu kuko bishobora kubatuma mukora ivyo mutokoze. Murifata n’ubwo kenshi usanga bigoye kwihanganira uwugukoze mu nkovu. Akarorero, murinjize impwemu, muharure nk’incuro nka cumi muce muzirekura, kugira ishavu ryagire riduge muri mwebwe ribanze rigabanuke, muheje gukora uwo mwimenyerezo muce muhindura ivyo mwariko muravuga.

Kenshi abantu barihenda bakifata ukutarikwo mu gihe c’amatati, kuko usanga ishavu ariryo rija imbere, iryo naryo rigatuma abantu bacanamwo, bakazirana n’urunuka.

Amatati rero kugira agabanuke, birasaba kwitanga cane kwa buri muntu wese mu kugarukana umwumvikano mu muryango. Aho bikamusaba kwihanganira no kurengera ibimubabaje, akarinda n’akarimi kiwe, gutyo ibintu bizosubira mu buryo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.