Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni ryari umukunzi wawe agusuzugura kubera ingeso zawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ni ryari umukunzi wawe agusuzugura kubera ingeso zawe

Ni ryari umukunzi wawe agusuzugura kubera ingeso zawe

mercredi 12 Ruheshi 2013

Hariho ibimenyetso bishobora kukwereka ko umukobwa mwakundana yatanguye kugusuzugura kubera inyifato runaka yakubonyeko akumva adashoboye kuyihanganira, hanyuma umenye uko wovyitwaramwo kugira ngo umubano wanyu wongere utembe umunezero.

Ibimenyetso uzomenyerako ko umukobwa mwakundana yatanguye kugusuzugura canke kugupinga kubera agakosa runaka yakubonyeko akaba atoshobora kukihanganira ni ibi bikurikira nk’ uko tubikesha ikinyamakuru www.wikihow.com.

Yatanguye kugusuzugura no kugupinga uzosanga atakikuvugisha neza nk’ uko vyari bisanzwe ndetse n’ incuro yaguhamagaraga canke yaza kukuramutsa yazigabanije.

Kuba bari kumwe ntaco bimubwiye

Azotangura kurondera impamvu zituma atamarana nawe umwanya munini, aho azokubwira ko afise utuntu agiye gukora n’ izindi mpamvu zidasobanutse.
Yirinda kwongera kukubwira incuti nshasha yungutse no kukubwira gahunda ziwe za buri munsi nk’ uko vyari bisanzwe.

Ntakibashije kwihanganira imyitwarariko yiwe

Uzosanga nimba hari ico yashaka ko umufasha uzosanga yabihagaritse, canke se niba hari ibintu runaka mwahora mukorana usanga noneho yatangiye kuza avyikorana wenyene atagishaka ko hari ico womufasha canke mukorana.

Nyabuna, namba ari uke bimeze isuzume kuko ngo buriya hari vyinshi bitagenda kuri wewe bituma agupinga canke agufata nk’ aho nta co ushoboye.
Menya kandi ko kuba ariko arakora ivyo atari gusa, ahubwo ngo gerageza kumenya impamvu iriko irabimutera hanyuma umenye uko uvyitwaramo.

Namba ubonye bimeze gurtyo woreka kwihatira canke ngo uhite ushavura, ahubwo mugenze gahoro, reka kumuhamagara, ahubwo koresha ubutumwa bugufi, mwandikire bibuze ureke hahere iminsi nk’ itatu urabe uko abifata, mwereke ko wita ku bintu kandi na we ukamuha umwanya munini mu buzima bwawe no muri gahunda zawe.

Gerageza kumubaza namba hari ikintu woba warakoze canke wamukoreye bikaba vyamushavuje kandi umwereke ko udahagaze ku makosa yawe, ahubwo ko wemera guhinduka.

Kuba asigaye yitwara nabi nivyo bituma utamubonera umwanya

Niyakubwira ko ata gihari kandi ukabona akomeje iyi nyifato wihatiriza, ahubwo na we mwereke ko wamupinze kandi utanezerejwe n’ ivyo ariko arakora.

Mwereke ko utanezerejwe n’ivyo ariko aragukorera nawe azokwibaza impamvu yavyo akurondere mu biganireko bihere neza maze musubirane umunezero wanyu nk’ uko vyari bisanzwe.

Gusa ngo wewe musore wirinde kuburana cane no guhakana amakosa, kuko namba bigenze gutyo ukabona bigoye ko akugarukira, reka kwiyumvira ko ivyawe na we vyaheze.

Siko bimeze kuko ngo ni ikintu gishobora kubaho kuko burya ngo naho wobana n’ umuntu mu rukundo ntihabeho kutumvikana no gushwana ngo buri muntu wese amenye uko uwundi ameze, burya ngo ntabwo ruba rukomeye kuko vyanse bikunze, urukundo rukomezwa na kahise.

Ngirango abakundana mwumvise ko ikintu cose kiba gifise aho cavuye, umukunzi wawe adashobora kwifata nta mpamvu ngo agende.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.