Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni ryari umuntu akunda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ni ryari umuntu akunda

Ni ryari umuntu akunda

mardi 8 Nzero 2013

Umuntu akunda iyo yumva ko yiteguye guhinduka,guheba ivyo yamaze gucamwo akongera agashiramwo inguvu zose kugira ahindure ubuzima.Umuntu rero akunda iyo yumva ko adakwiwe n’ivyo afise, muri uwo mwanya akumva ashaka gukora ibishoboka vyose kugira ashike kuco abuze mu buzima.

Abantu benshi bavuga ko urukundo ruguma rwiyongera uko ukwezi guheze,uko umwaka uheze,ivyo navyo bikaba bidashoboka.Igihe rero umuntu yumva ko hari ikintu kimukwegera gukunda uwundi,canke akumva ko amwipfuje nico aca yita urukundo.Ivyo bintu bibiri rero tuvuze ko umuntu yita urukundo sirwo rukundo nyakuri.

Nico gituma rero hibonekeza guhemukiranira mu rukundo kuko ico umuntu aba azi ko arirwo rukundo nyakuri asanga ahubwo kwari nko kwinezereza mw’ijoro rimwe gusa.Hariho rero ibihe umuntu naho yoba afise ibingana gute adashobora gukunda.

Ica mbere, iyo umuntu yarengewe canke yahahamutse biragoye ko yokunda kuko ntaba afise ivyizigiro vyo kubaho kuko ahari ivyizigiro haba urukundo, ahari urukundo naho hari ubuzima.

Ica kabiri ni iyo umuntu yamaze gukunda kuko urukundo rw’uwamaze gukundwa ni intango v’ivyo umuntu yipfuza,ushaka gusangira nawe,ushaka gutambana nawe,ushaka kuganira nawe n’ibindi,utari kumwe n’uwo ukunda ntanakimwe wipfuza.

Iyo rero umuntu avuze ko yakunze umuntu hanyuma agakunda n’uwundi ibi biratera amakenga ku bijane n’imyifato yiwe.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.