Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwiza bwo gukundana ku rwaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo bwiza bwo gukundana ku rwaruka

Uburyo bwiza bwo gukundana ku rwaruka

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Mu buzima busanzwe, cane cane ku rwaruka, umuntu aragera igihe maze akumva arakunze uwundi ; umuhungu agakunda umukobwa canke umukobwa agakunda umuhungu.

Urwaruka rutari ruke rero rurakunda guhura n’ingorane nyinshi rwibaza ruti" Mbega umuntu akunda uwundi gute? Mbega hoho wokwereka umuntu gute ko umukunda. ?"

Abavyeyi nabo akenshi mu muco w’abarundi,baba bumva badashaka ko abana babo boja muvyo gukundana , uko baba bangana kwose. Hari ndetse n’abavyeyi bakubita abana babo mu gihe bababonye bari kumwe n’urunganwe rwabo badahuje igitsina .

Mbega none gukundana ni bibi ? Inyishu ni oya.
Gukundwa ndetse no gukundana ni vyiza ubwavyo. Ivyo ntawobikekeranyako kubera no mu madini baratwigisha gukundana. Hari abavuga bati " Gukundana mu madini batwigisha gutandukanye n’urukundo ruba ruri hagati y’umuhungu n’umukobwa." Mbega ni kuki abantu bamwe bumva ko bitandukanye kandi vyose ari ugukunda ? Nivyo birumvikana ko urukundo hagati y’umuhungu n’umukobwa rutomera nk’urukundo ruri hagati y’umwana n’umuvyeyi canke kandi hagati y’abavukanyi, gusa ukuri ni uko vyose ari urukundo kandi urukundo ubwarwo akaba ari rwiza.

Urashobora kuba wibwira uti " Noneho abavyeyi banje barandenganya, ni babe bareka twikundanire !" Canke uri umuvyeyi ukaba uriko uribaza uti " None ga yemwe twoheba tukareka abana bacu bakirirwa mu buhumbu bwa minsi yose ngo tubareke bikundanire?"
Ng’iki igituma nyamukuru urwaruka n’abavyeyi batumvikana ku rukundo.

Hari umuntu yigeze kuvuga ati : “Erega gukunda umuntu ntibivuga ko woca umwishimiriza ukabona ko ataco woshobora kurangura mutari kumwe, canke ukumva womwama inyuma.’’

Uwo muntu abandanya avuga ati : “Akenshi usanga hari benshi mu rwaruka bumva ko umunezero canke agateka kabo ari incuro bamaze kurangura amabanga mpuzabitsina ndetse n’ibindi vyinshi bakora atari vyiza, ugaca usanga n’abandi batanguye kurondera uburyo bobikora kubera bumvise uko abandi babigize, kandi mu nyuma bakazoteba babishikako.

Inama twogirira abakiri bato n’uko ivyo bakora vyaba guhuza ibitsina n’ibindi bitarekuriwe mu mwanya igihe cabo kitaragera. Ico gihe kigera umuntu ashinze urwiwe, kandi ibikorwa nk’ivyo hagati y’abatubakanye vyonona urukundo kandi bikarutuma rugera no kwisenyuka ryarwo. Kurangura amabanga y’abubatse hataragera bisa n’ukurya umuhwi udahiye.

Urukundo nyarwo ntiruhagaze ku bitemewe n’imico y’abarundi ndetse n’amadini turimwo . Urukundo nyarwo rushingiye ku gusangira, gutahurana, gufashanya ndetse no kwubahana.

None mbega kubera iki ibi atarivyo tubona kenshi? Si vyo tubona kenshi mu rwaruka rwo mu Burundi nyene, kuko benshi bataramenya ico arico urukundo nyarwo. Mbe mu Burundi ni kangahe duhora tubona abantu bakundanye bakiri abana bagateba bakabana? Ni gake cane. Namba ushaka kubimenya neza uze wegere umuntu umubaze uti "Umaze gukundana n’abahungu bangahe canke abakobwa? Namba ari umuhungu uzosanga karenga rimwe!

Kubera iki none bigenda uko? Ni kubera ko ivyo baba barise urukundo biba atarivyo. None namba ubwiye umuntu ko umukunda vy’ukuri, womwanka gute inyuma y’ukwezi kumwe canke umwaka umwe ? None ko abavyeyi bacu babana akaramata ? Ni kubera baba bafitaniye urukundo ruva ku mutima.

Umusore umwe twaganiriye igihe twariko turategura iyi nkuru yagize ati : “Igihe kirageze ko mu Burundi twigisha abana bacu gukundana vy’ukuri ico ari co bakiri bato.” Yarabandanije agira ati : “Ndakeka ko ari naco gituma urwaruka rwishora mu bintu biteye isoni mu gihe rutanguye gukundana.

Abavyeyi nabo hari aho babwira abana babo ko kizira kwegera umuhungu canke umukobwa , aho rero ugasanga tuja ku barondera twinyegeje, ivyo bikaba bitumvikana ingene umuntu yokora ikintu yinyegeje kandi atari kibi ubwaco.

Yarangije agira ati : “None mbega ubundi ho umwana amaze kuba inkumi canke umusore womuburiza iki kwegera abagenzi biwe. Abavyeyi bakwiye kuza barigisha abana babo ko kuja mu ngeso mbi atari vyiza. Bofata umwanya ukwiye wo kuganira, ivyo vyofasha abana kuruta kubafata nk’imbohe, bakabuzwa ivyitwa bibi ariko ubwabo atariko babibona.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.