Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni vyiza kwihebera uwo ukunda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ni vyiza kwihebera uwo ukunda

Ni vyiza kwihebera uwo ukunda

mardi 23 Ndamukiza 2013

Murukundo, usanga akenshi buri umuntu wese afise ico yipfuza kurusha ibindi vyose, umuntu yoronka mu rukundo ariko ugasanga buri umuntu wese afise ico yipfuza kandi arindiriye kurusha ibindi.

Rimwe na rimwe, indoto z’uwukunda ntiziba indahiro ,bitewe no kudashika kuco wipfuzaga. Benshi bibaza uko wokitwara ngo ugabanye ivyago vyo kuba woruhishwa n’urukundo mu gihe ivyo wipfuza bitabaye uko wabishaka.

Nk’uko umuhinga mu vy’imibano y’abantu Sylvaine Pascal yabivuze, akenshi kwicwa n’agahinda ku rukundo rutagenze uko wavyifuza, ntibiterwa n’ikosa ry’urukundo ahubwo biterwa no kwiyumvira ko uwo ukunze azonezereza ivyifuzo vyawe maze atabinezereje ukicwa n’agahinda,kwihangana nivyo binanira abantu.

Umuti watanzwe kenshi n’abahinga, ni ukwiyumvisha ko uwo ukunda atazoshika kuvyo wipfuza vyose ,kandi ntumuhe ububasha burenze bwo kuba yotuma ubuzima bwawe bw’uzura umunezero canke umubabaro. Nk’uko abahinga mu mibano babandanya kubivuga, ni vyiza kumenya ko uwo uriko urihebera ari umuntu afise ivyiza ndetse n’utunenge.

Urukundo rushobora kubabaza rukageza ndetse n’aho uwa naniwe kwakira ivyamushikiye atakaza ubwenge,ukamenga arwaye mu mutwe, Ariko niyo bishitse nyene guhemukirwa ntashobore gutahura ivyamushikiye,hari aho biba vyavanye n’ukuntu we nyene yahaye ububasha uwo yakunze bwo gucunga ahagera umunezero wiwe canke umu babaro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.