Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Norvège : Bamwe mu barundi barahiye kwitaba inama yatumweko n’ubuserukizi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Norvège : Bamwe mu barundi barahiye kwitaba inama yatumweko n’ubuserukizi (...)

Norvège : Bamwe mu barundi barahiye kwitaba inama yatumweko n’ubuserukizi bw’Uburundi

vendredi 6 Ruheshi 2014

Abarundi bo mu gihugu ca Norvège bahamagarira bagenzi babo kutitaba inama yateguwe n’uwuserukira Uburundi muri ico gihugu. Abo barundi bagiriza Munyembari Paul aserukira Uburundi muri Norvège ko ariwe yari yaserukiye Reta y’Ubururndi mu nama yo kwirukana abarundi bo muri Norvège.

Ubuserukirizi bw’Uburundi muri Norvège bwatunganije inama ihuza abarundi muri ico gihugu. Urunani BSF rw’abo barundi, mw’itangazo rwasohoye, bahamagarira abarundi kutitaba iyo nama yateguwe na Paul Munyembari, aserukira Uburundi muri Norvège, kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2014. Imvo zatumye basaba abarundi kutitaba iyo nama ni zibiri. Iya mbere n’uko badashaka kuyihuriramwo na Eduard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu asanzwe ari mu rugendo rw’akazi muri ico gihugu, bakamwagiriza ko ariwe ntanduruko y’ugusambuka kw’imigambwe mu Burundi, igihugu citwa ko kiri mu ntwaro rusangi.

Bamenyesha kandi ko badashobora kwitaba iyo nama yatumweko na Paul Munyembari, aserukira Uburundi muri Norvège, bakamwagiriza ko ariwe ari inyuma y’iyirukanwa ry’abarundi muri Norvège, kuko ariwe avuga ko abarundi bo muri Norvège bokwirukanwa, kuko amahoro yiraye mu gihugu c’amavukiro yabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Asha abahutu nimugende mwarasegeswe mumitwe none nkaho babaronderakwiki?abarimugihugu bonyene inzara irimukubica ibicira ntibisiba kuduga abanyagihugu ntibasibakugandagurwa none waba dd murashakiki?nababahunze?

  • Mubihugu vyose nabayemwo iyi nyifato yo kwirukanisha abarundi iyo basavye indaro no kubuza abarundi kujanwa mumahangakwironderera amashure n’ubuzima bigezweho nivyo vyama biranga Ambassies z’Uburundi mumahanga!!Iyi nyifato reta yama yerekana kubarundi bari hanze nkuko yabikoze kubari muri Hollande turayiteye ivyatsi!!Uyo Eduard ahubwo babishoboye bomuronderera aba GANG-STARS bakamumena uyo mutwe wuzuye ubwicanyi n’ikubi kubana b’Uburundi!!Abarundi bose bari mumahangabotaha muzobona ico mudutungisha mwa Bijuju mwe ngo ni Ambassade?Je singomba kumva umuntu yiyita Ambassadeur mugihugu mbamwo!!Stupid and Rubish gouvernance of Barundi!!I hate your selfishness kuko niba ata muryango wanyu uri mumahangaumerereweyo neza muca mugomba kutujana mubusho IBurundi kunguvu??Kira ino hoho tuzobajana muri court!!BRAVO TO BURUNDIANS OF Norway!!Kich away the Nduwimana killer!!

  • Ndabakeje murabashingantahe .aho mwoja kwakira uwo mubembe kandi murabarundi bukuri mwari kuba mwikegereje komera ncaneee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.