Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ntakuntu twoja gusenga atankomanzi kandi hari akarenganyo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > "Ntakuntu twoja gusenga atankomanzi kandi hari akarenganyo mu (...)

"Ntakuntu twoja gusenga atankomanzi kandi hari akarenganyo mu gihugu"

mercredi 30 Gitugutu 2013

Umurwi w’abanyepiscopi uharanira ubutungane n’amahoro ufashijwemwo n’inama idasanzwe y’abepiscopi bo muri Afrika na Madagascar SCEAM symposium des conferences episcopales d’Afrique et de Magadascar watunganije inama yama iba buri mwaka iyo nama ikaba iriko ibera i Bujumbura. yatumye bahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amahoro n’ubutungane muri Afrika.

Inama y’abepiscopi baharanira amahoro n’ubutungane yama iba buri mwaka iriko iraba i bujumbura kuva ku 29 gushika kuwa 1 munyonyo 2013, yahaye akaryo abari bayitavye baje bava mu turere dutandukanye two muri Afrika kugira bahanahane ivyiyumviro ku bibazo vyerekeye ubutungane n’amahoro muri Afrika.Ivyo bintu uko ari bibiri bikaba ari ibintu bikomeye mu buzima bw’umukristo uwa riwe wese eka mbere n’uwutari umukristo.

Umwepiscopi wa diocese nkuru ya bujumbura asanzwe mbere ari n’umukuru w’uwo murwi w’abepiscopi uharanira ubutungane n’amahoro ,musenyeri Evariste ngoyagoye ati ntakuntu twoja gusenga atankomanzi kandi hari akarenganyo mu gihugu.

Iyo hatariho amahoro ni gute twohendana ngo turiko turasenga mu kuri ? ni nayo mpamvu ishengero ryitaho ibintu vyose kugira habeho amahoro n’ubutungane mu gihugu,bibandanya bivugwa n’uwo mwepiscopi.

Ngiyo rero umuntu agerageje gusuzuma inkwurikizi z’ivyo bikorwa ku buzima bw’ibw ‘igihugu biragoye ariko Ekleziya katolika yama irungikira ubutumwa abategetsi. ’’ Akenshi mu nkuka y’imisa iyo babonye bikenewe ko batanga impanuro zimwe zimwe zikenewe kugira ibintu bimwe bimwe bisubire mu buryo,turasemerera mu buryo butandukanye ‘’,bibandanya bishikirizwa na Musenyeri Ngoyagoye.

Kubwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asanzwe ariwe yari yaserukiye leta y’Uburundi amenyesha ko iyo nama yari ikenewe kuko ifise akamaro kanini ku gihugu .

Ibintu nyamukuru vyari biri mu vyigwa muri iyo nama bikaba bihura neza na neza n’ibiraje ishinga leta Y’Uburundi aha twovuga intwaro ibereye ,gutsimabataza intwaro rusangi,iyinjira mu Burundi mu miryango yo mu karere hamwe n’ishirwaho ry’ubutungane bw’imfatakibanza.Ku vyerekeye ubutungane bw’imfatakibanza yamenyesheje ko uruhara rwa Ekleziya ari ntangere.Umushikranganji Edouard Nduwimana akaba yarashimye cane imigenderanire ya Ekleziya hamwe na leta y’Uburundi mbere akaba yagiriyeko asaba ko yobumbatirwa ikongera igatera imbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.