Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nzomuguha wongere umutere iyindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Nzomuguha wongere umutere iyindi

Nzomuguha wongere umutere iyindi

mardi 19 Ntwarante 2013

Umukobwa w’imyaka 16, yabwiye nyina ko amaze amezi abiri ataja mu butinyanka. Nyina agira ubwoba, niko kugura akuma gapima ko yibungenze (test de grossesse) aca asanga nyamukobwa arafise inda, maze si ukumutuka yiva inyuma ahamagara na se arabimubwira.

Maze se ashitse ati “Utegerezwa kumbwira uwaguteye iyo nda nkamufungisha !” Umukobwa afata telefone ahamagara umusore arabimubwira. Nko mu minota 30, umusore yari yahageze, aza mu modoka nziza cane (BMW 520 grise metallise), yambaye neza akeye, amaze gushika barakangukwa, bagira ngo ni umushikiranganji aje.

Nawe agishika aca arababwira ati ”umukobwa wanyu yambwiye ivyabaye ariko kubera umuryango wanje, sinshobora kumurongora ; gusa niyavyara nzomuha urupangu ku Mutanga , amaduka abiri n’umuliyaridi. Niyavyara umuhungu naho, nzomuha inganda zibiri n’umuliyaridi. Akaramuka avyaye amahasa naho ivyo nzobigwiza na kabiri.”

Uno musore aca abaza se w’umukobwa ati ”tugize ivyago inda ikavamwo ?” Ni uko umugabo amara akanya acecetse maze afata ku rutugu rw’umuhungu ati” nzomuguha wongere umutere iyindi.”


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.