Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australie: Umuhungu na se basangiye umugore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Australie: Umuhungu na se basangiye umugore

Australie: Umuhungu na se basangiye umugore

mercredi 22 Rusama 2013

Umugabo aba mu gisagara citwa Tasmanie mu gihugu ca Australiya, yafashe umuhabara wiwe ariko ashurashurana n’umwana wiwe w’umuhungu mu gihe yari yabateze icuma gifata amasanamu.

Mu minsi iheze, umugabo yafashe igingo yo gusiga icuma gifata amasanamu mu cumba c’umuhungu wiwe, inyuma y’aho yumviye ikiganiro umuhungu wiwe yariko aragirana n’umuhabara wiwe kubijanye n’ibitsinna.

Haheze akanya, umugabo yaciye aja kuryama, ariko umuhabara wiwe aguma muri salo. Inyuma y’aho, uyo mugore yarinjiye mu cumba c’umuhungu w’uyo mugabo, maze batangura kuvugana ibijanye n’ivyo kugendesha umuduga.

Uwo mugore w’imyaka 28, yamaze akanya gato ariko arayaga na nya musore w’imyaka 16, maze ikiyago cabo gica gisubira muri bimwe barimwo bijanye n’ibitsina, baba bafashe intumbero yindi. Umugabo ari mucumba iwe, yarabona ibiriko biraba mu cumba c’umuhungu wiwe, niko kubona bose batanguye gukura agahuzu, maze baja mu gitanda bararyama, barifuka, umugabo yaciye atabaza igipolisi kugira kize kubafata.

Nk’uko bose bavyemeje, bavuga ko bari bamaze guhuza ibitsina incuro zitatu, kandi ko n’iyo batofashwe bobandanije. Uyo mugore rero yaragiriwe n’icaha imbere y’ubutungane co gushurashuza umwana akiri muto, ariko urubanza yaciriwe rukaba rutaraja ahabona.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.