Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Palipe AGAKIZA : ’’Umukuru w’igihugu ntashobora kurenza ibiringo bibiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Palipe AGAKIZA : ’’Umukuru w’igihugu ntashobora kurenza ibiringo bibiri (...)

Palipe AGAKIZA : ’’Umukuru w’igihugu ntashobora kurenza ibiringo bibiri gusa’’

vendredi 1er Rusama 2015

Umugambwe Palipe AGAKIZA umenyesha ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kidakurikije amategeko, nk’uko biri mu masezerano y’i Arusha.

Kazimir Ngendanganya umukuru w’uyo mugambwe, avuga ko nawe yari mu masezerano y’i Arusha, kandi ko mu masezerano yateweko umukono, avuga ko umukuru w’igihugu adashbora kurenza ibiringo bibiri, ahabwa n’amategeko. Amenyesha kandi ko abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo atari ubwoko bumwe bw’abatutsi, nk’uko bimaze iminsi bivugwa na bamwe mu banyeporitike. Abari mu myiyerekano, bari amoko yose. Ngendanganya akavuga kandi ko ivyavuye ARUSHA biraba abahutu, abatutsi n’abatwa.

Umukuru w’umugambwe PALIPE AGAKIZA avuga ko na Petero Buyoya yatwaye amezi 18 kuko ariko vyari vyanditse muri ayo masezerano, kandi atayarengejeko n’umunsi n’umwe, naho yabonako hari bimwe bimwe atari bwaheze kurangura.
Agira ati :’’Petero Buyoya yarashaste kubandanya atwara, aratubaza abashikiranganji n’abandi, twese turamubwira ko bitoshoboka, arabiheba’’. Ubu rero Petero Nkurunziza nahanuze nawe, kugira ikiringo ca gatatu akireke, akurikize ibiri mu masezerano y’Abarundi.


IGIHE

Messages

  • Ja Hiyo Ufis,abanywanyi Bangahe Ahubwo Tang,umuco Mwahagaritse Canke Murabandanya Uyu Mwanya Mutaye Iyo Muga Gusaba Amajwi Mu Gihugu Hagati Mugahiganishwa Amajwi Ururimi Ntaco Ruvuga Mbeho Wahora...

  • Ja Hiyo Ufis,abanywanyi Bangahe Ahubwo Tang,umuco Mwahagaritse Canke Murabandanya Uyu Mwanya Mutaye Iyo Muga Gusaba Amajwi Mu Gihugu Hagati Mugahiganishwa Amajwi Ururimi Ntaco Ruvuga Mbeho Wahora...

  • hewe iyuba waruzi murwanda Kangame ivyarik akorera abahutu bamufashije kushika kugihugu vyari kuguha icirwa ukamenya abomuriko murakorana iy myiyerekano nintumbero bafise abo ninzoka sha nimba upfa kurangaza ayomazuru utabazi urabaza abahutu b Murwanda .

  • @nduwi
    Ne t’en faits pas ibihutu nkivyo turabifise vyinshi kandi ntituzokwemera ko bidusubiza mu buja bw’umututsi,abo nyene bari kumwe mu myiyerekano nibo bazobidukurako,ivyo ni ibibwa ,bamye ari abasuku b’abatutsi!!!!

  • Nkurunziza ntatamikwa ijambo urya nintwari atinywa nabose abarundi turamukunda abobantu nibindaji bigaragara.gutwarigihugu ntibisaba urwamo nka pepe numugambwe wotwara igihugu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.