Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa benedicto wa XVI yasavye abakiristu kwirinda ubwishime n’ubugunge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa benedicto wa XVI yasavye abakiristu kwirinda ubwishime n’ubugunge

Papa benedicto wa XVI yasavye abakiristu kwirinda ubwishime n’ubugunge

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Papa Benedicto wa XVI yahamagaye kuri uyu w’Imana abakirisu bose guhinduka no guhindukirira Imana mukwirinda ubwishime n’ubugunge mu gisabisho gishira ica nyuma imbere y’uko ahagarika amabanga yiwe nk’uko bitegekanijwe kuri uyu wa 28 Ruhuhuma.

Ishengero Katorika rihamagariye abakirisu bose guhinduka mubijanye no kwikingira, ingwano rukristu kubera umugwanizi arondera kudusubiza mu nzira mbi.Ivyo yabivugiye ari k’urubaraza rwa Palais Apostolique imbere y’isinzi ry’abakirisu bari bakikuje ikibanza Petero Mweranda.

Abategetsi bo ng’aho bamenyesheje ko hari abantu barenga ibihumbi ijana aho hantu baharuyemwo abataliyano n’ingenzi.

Yakiriwe n’isinzi risemerera izina ryiwe”Benedicto” mu gitaliyano mu gihe abakirisu benshi barondera kufata amasanamu bakoresheje amaterefone ngendanwa canke bakoresheje utwuma dusanzwe dufata amasanamu kugira bize bibabere icibutso c’intibagiranwa.

Ata ngorane biteye,uwo mu Papa w’umudagi yambaye umwamabaro uciye bugufi, yahamagariye abakirisu “kutagira ubwoba”,guhangana no “kugwanya umwansi shetani” kuko igikomeye n’ukubikora hamwe na Yezu

Kristu,uwanesheje”.Yarabaremesheje,ababwira kwirinda ibibosha nabi no guhereza vyose Imana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.