Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Fransisiko aranegura ingo zanka kuvyara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Fransisiko aranegura ingo zanka kuvyara

Papa Fransisiko aranegura ingo zanka kuvyara

mardi 28 Rusama 2013

Umwungere wa Ekereziya Katorika Papa Fransisiko, aranegura umuco wa bamwe mu bakirisu bahurikiye mw’idini rya Katorika banka kuvyara, maze ugasanga ntibarengeje umwana umwe.

Umwungere wa Ekereziya Katorika avuga ko ivyyo ababigira benshi ari abashaka kwama bariko baratembera, baja mu buruhuko ku mpande zitandukanye z’isi, abandi n’abo bagatinya ko hamwe bovyara abandi bana, vyoshika itunga ryabo rikagabanuka na cane cane ko baca batinya ko batoshobora kugura inzu mu gihe bavyaye uwundi mwana.

Mu misa yagirishije kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Rusama 2013, Papa Fransinsiko yamenyesheje ko hari benshi baba buzuye urukundo vy’ukuri ariko ugasanga mu ntango ntibubahutse kubwizanya ukuri uko biyumva mu bijanye n’irondoka. Papa rero agatangazwa rwose n’umutima umuvyeyi afise mu gihe yanse kuvyara yanka kutazoba agishobora kuja iyo yipfuza mu buruhuko, canke ubutunzi bwiwe buzoca buhaherera kubera hajemwo uwundi muntu.

Papa amenyesha ko abana ari itunga ari naco gituma uwubatse wese atokwanka kuvyara ngo atinyiye ubutunzi bwiwe, ubutunzi bwa mbere ni ukubaho mu muryango. Izo nyigisho umwungere wa Ekereziya Katorika akaba yazitanze arikumwe n’umwungere wa diyoseze y’i Lyon mu gihugu c’Ubufaransa, mu gasengero kari ku kirimba kwa Papa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.