Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Uburundi buhanzwe n’akarwi gato gahurikiyemwo ubwoko bwose (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > PARCEM : Uburundi buhanzwe n’akarwi gato gahurikiyemwo ubwoko bwose (...)

PARCEM : Uburundi buhanzwe n’akarwi gato gahurikiyemwo ubwoko bwose gasahura

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Abarundi basabwa gukanura bagaca ubwenge, ntibame bahendeshwa uduhuzu bambara, udufungurwa tutabamaza kabiri, mu gusabwa ijwi ryabo nk’uko bivugwa na Faustin Ndikumana.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abanyamakuru, umukuru w’ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo ngo bashikire iterambere PARCEM, avuga ko hageze ko mu Burundi haba impinduka, abarundi bakareka kwama batwarwa nk’uko vyari kuva mu myaka ya Kera, bagahendeshwa utuntu tutagira akamaro mu gusabwa ijwi ryabo. Faustin Ndikumana akananegura ingene imigambwe itigera yerekana imigambi yayo izorangurira abanyagihugu, ahubwo imwe ikazana imvugo z’amacakubiri, mu gihe ivyo vyataye agaciro mu gihugu, iyindi migambwe nayo ugasanga iriko ivuga abayitanguje, aho bamwe biririmbira Rwagasore, Ndadaye, abandi Gahutu.

Umukuru wa PARCEM akavuga ko ibibazo bihanze Uburundi ubu, atari izo mvyino canke inyandiko z’amacakubiri usanga zitagiramwo ubwenge n’umugambi, abarundi bahanzwe n’akarwi k’abasuma biba igihugu, ako karwi gato n’ako nk’uko abivuga gahurikiyemwo ubwoko bwose. Ibindi bibazo bihanze Uburundi akavuga ko ari nk’indero yatitutse, ubukene buzura inzara, abatunze amatungo adasiguritse, ikibazo c’ubutungane, ubutare, n’ibindi.

Faustin Ndikumana asaba ko imigambwe yokwerekana imigambi yayo, ahereye ku wuri ku butegetsi CNDD FDD, ntuze uvuge ngo waranguye ibi, ahubwo uze wemange ivya wunaniye kurangura, hanyuma uvuge n’ingene witeguye kuzobikora.


Aristide Nizigire

Messages

  • abarundi bamenye ko atabwoko bubi bubaho ahubwo nintwaro iba mbi.

    RN:NKA CNDDFDD Harimwo aba hutu na batutsi ,basangiye ububegito .ubusuma,ubwicanyi...........................................HAGEZE KO TUBASEZERERA.

  • MBE NKA FAUSTIN NI BANDE BAGOMBA KUBASEZERERA ???MBE BATUBWIYE KO BATUZANIYE IKI ???BAZOLURAHE AMAFRANGA N ABANTU BO KUBIKORA???REKA KUGIRA NGO DEHABILLER ST PIERRE POUR HABILLER ST PAUL!!!NONE KO NICITWA OPPOSITION TWUMVA ATA MIGAMBI FAISABLE ISHIRA IMBERE?????YEMWE TURACAGOWE NDABABWIYE

  • nuko mushingantahe fostin ahubwo mugihugucacu umenga ntabashingantahe bakirimwo uburundi bwotabwa mumanga nakarwi katanarenga batanu kubera inda ndende,mugabo buraca bugacana ayandi twaritoreye akaziri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.