Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pascal Nyabenda : ’’Abagumyabanga bashaka Petero Nkurunziza’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Pascal Nyabenda : ’’Abagumyabanga bashaka Petero Nkurunziza’’

Pascal Nyabenda : ’’Abagumyabanga bashaka Petero Nkurunziza’’

jeudi 12 Ntwarante 2015

Umukuru w’umugmbwe CNDD FDD yabariye abamenyeshamakuru ba BBC Gahuzamiryango ko, Abagumyabanga ba CNDD FDD badahawe Pierre Nkurunziza, ko batobahamagara gutora.

Umushingamateka Pascal Nyabenda asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, akaba avuga ko amasezerano ya Arusha yashizwe mw’ibwirizwa nshingiro, iryo naryo ku bwa Nyabenda, rikavuga ko umukuru w’igihugu atorwa n’abanyagihugu ubwabo kabiri, ivyo navyo bikaba bimaze gushika rimwe gusa mu 2010, mu gihe mu mwaka w’2005 Petero Nkurunziza yari yatowe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bose bari hamwe. Pascal Nyabenda rero, akavuga ko hamwe hoba impari, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ariyo izobatatura.

Ariko rero bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’abahinga mu vy’amategeko nk’umushingwamanza Isidore Rufyikiri, bakavuga ko iyo sentare batizeye ko yohava ica urubanza uko ruri, narirya bayagiriza guhengama no mu manza zimwe zimwe zagiye zirayica imbere, hamwe n’ukuba yashizweho n’umukuru w’igihugu.

Abatavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, akavuga ko hamwe Petero Nkurunziza yovuga ko azitoza ubwa gatatu, atagisivya, ari ukuja mw’ibarabara bakamwiyamiriza, bongera biyamiriza ihonyangwa ry’amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro. Abasenyeri Gatorika bakaba mu nyigisho zo kuri uyu w’Imana uheze, atakindi basavye atari ukwubahiriza ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kandi amasezerano y’i Arusha, agasomwa neza, atari mu kwikwegerako, ku nyungu z’aba canke bariya.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega abivuze kugatwe kiwe akaca avuga abagumwa banga ahubwo navuge abagumwa bondo ico kibanza arimwo sirwiwe nawene arabizi L H Hussein yarasohotse nareke kwimena amaso agiye kuhava kuko abagumwabanga baje ubudasubira inyuma

  • None iyo ni recencement Nyabenda yakoze, canke? Abagumyabanga ko mwumva ariwe bashaka, baramutora aba umukuru w’umugambwe, nayo umukuru w’igihugu ni uw’abarundi bose apana uw’abagumyabanga gusa. Ikindi naco kuvuga ko ariwe bashaka, harimwo abavuze aho bahagaze bagaca babakura mu mugambwe no mukazi. Canke vyarahindutse abagumyabanga = Pascal Nyabenda.

  • Ewe DD urahumba, nta Peter azokwitoza ndabarahiye. Ejo abari mu rwero rukuru rw’umutekano mwishirahamwe mpuzamakungu ONU bazobakurira inkoni kugashitsi. Nimwabirengako muzomenye iyo muja.

  • Est-ce que abagumyabanga = pascal nyabenda? kuki uwuvuze ko atabishigikiye baca bamwirukana mu mugambwe no mukazi? kuki congres du parti yo kumutora vyanse ko iba? bamushaka baramutora abe umukuru w’umugambwe nayo umukuru w’igihugu si uwabagumyabanga gusa. Co kimwe, naho boba bamukunda, amategeko y’igihugu aguma ari ay’igihugu.

  • None ibwirizwa shingiro rya Nyabenda canke rya CNDD-FDD ryobarigizwe n’ingingo imwe gusa ya 96? Izindi bazisize he? Kira noneho na Peter na cndd-fdd barazi neza ko Peter atarekuriwe kwitoza n’ikimenyamenya ni uko bari bagerageje guhindura ibwirizwa shingiro kugira bakuremwo ingingo ya 302 ibafata. None ko Inama shingamateka yavyanse ni bemere bawunywe iyo ngingo ya 302 iramufata nyene kandi nibaza ko na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ibizi. Ivyo abasenyeri ba katolika bashikirije ko bosoma ibwirizwa shingiro bisunga amasezerano y’i Arusha nivyo 100% kuko ibwirizwa shingiro ry’uburundi ritangura rivuga riti "Twihweje amasezerano y’i Arusha..." . Murumva ko ata n’umwe yosoma ibwirizwa shingiro atisunze amasezerano y’i Arusha. Iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ni yahirahira igafata ingingo itisunze amasezerano ya Arusha kandi bitomoye mw’ibwirizwa shingiro, nayo nyene izoba irirenze ivyo vyitwa guhemukira igihugu bakazobibazwa n’abanyagihugu. Kandi uwuhemukiye igihugu nta budahangarwa afita. Ibintu rero birakomeye Peter biramuyobeye kweli.

  • Reka sha abo turazi ico bakunda, bashaka gusesa amaraso ya ba nyagihugu nta kindi, kuki bagomba kurenga ama tegeko aboneka n’u mu bebe abibona? eka noneho NYABENDA buca bamuvuguruza uraziko barundi ariko bameze. turarindiriye uwuza kuvuga inyuma yiwe sha ndaziko aza kuvuga igihushane ciwe turazinanyi.

  • Ariko nyene karashizingani ibwirizwa shingiro rihonyangwe atacamira Nyabenda ngo Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro ngo niyo izobatatura ; turazi neza cane ko babivuga kubera harico bishimirije ;yashizweho na Nkurunziza ubwiwe arazi yuko itomuhemukira; Ariko baribesha cane bakabona baramutanze turaja mwibarabara ntakabuza tumwiyamirize mpaka ataye akomoka

  • Ko yumva ari umugabo ni atangaze ko azitoza turabe ko bitoba bimuheranye!!

  • IMBWA MUGUPFA IRAMOKA,iyipfuye yamotse ngwiba yisemye.Habura iki ngo CDD FDD itangaze uwuzitoza kumwanya w’umukuru w’igihugu nimba Pascal Nyabenda abagumya noti biwe babimutumye,PETERO NKURUNZIZA nabivuge ko azitoza uce uraba ibikurikirako,niba muri abagabo mutiny’ iki kumubarira ngo avuge ko ariwe azoserukira CNDD FDD mumatora.Pascal Unyabenda,urahumba ahubgo reka buce turabe aho uzokwigwa.

  • Igihe Génocide Yaba,ntaw Bavugiye,Ndadaye Yicwa Ukwonyene.None Ubu Mwabony Ko Abarundi Turi Ibijuju?Namw Mwarahinyuts,intarim Iza Kurya Akayo.Kira Noneho,twaravuye Muntambara,bazokoresha Ibwirizwa Nshingiro Ryacu.None Ko Bamwe Muhenda Abazungu,baraz Ivyuburundi?Twebwe Rer Abarundi Isinzi,dushaka Petero Nkurunziza.Namw Tekane Ntimuturike.Cank Mubishatse Meneka,ikibiri Kizobabumba.Reka Rero Abatwareeee!!Numu Driver Mwiza Cane.

  • hihihihihih, narababwiyeko ico bazi ari kuvuguruzanya, gusa none bwarakeye na kabiri onesime ataramuvuguruza? reka rero turabe iyo gahinda kajana.

  • TURABASAVYE MWIYUBAR NTIMUDUSUBIZE MUNTAMBARA.NTAWUNDI MUSHINGANTAHE MWORONKA ATARI UWO?

  • TURASHIGIKIYE NKURUNZIZA AHUBWO TURAMUSHAKA KO YITOZA TUMWONGERE MUTAMA WACU.TUMUTORE UBUGIRA KA 2!!!!

  • CNDD FDD ATWEBWE NTAWUNDI TUMBONA BOHA AMAHIGWE MUMUNGABWE CNDD FDD TURAVYICHIMIYE

  • nibareke kuja mwibarabara nibarindire amatora bam ukuriremwo.

  • Nibareke Gusambura Igihugu Ahubwo Dufashanye Mu Kugisanura Tucambike Amashurwe Amakungu Nayo Amoterwe N’ubwiza Bwaco Uburundi Bwogorore Bube Bushasha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.