Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PASIDE Imboneza : Umugambi BACEMWO wa CNDD FDD waramaze gutangura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > PASIDE Imboneza : Umugambi BACEMWO wa CNDD FDD waramaze gutangura (...)

PASIDE Imboneza : Umugambi BACEMWO wa CNDD FDD waramaze gutangura kera

samedi 29 Munyonyo 2014

Umugambwe PASIDE Imboneza uragabisha umurwi CENI ko hamwe boguma bica amatwi ku binenge vyerekanwa mu kwiyandikisha , azohamagarira abanywanyi biwe bakaja kwicara ku biro vy’ahakorera uwo murwi.

Aloys Baricako akaba yashikirije ivyo mu gihe hari hatumweko inama n’abaserukira uwo mugambwe mu ntara zose zigize Uburundi. Muri iyo nama abaserukira uwo mugambwe bakaba bashikirije ibitari bike mu binenge bikomakomeye biriko biraba mw’iyandikwa ry’abazitabira amatora. Abaje bava mu ntara zitandukanye bakaba bashikiriza ko bamwe mu bandika abazitabira amatora bakorera ako kazi i Muhira, abandi bagatondana indangamuntu nyinshi, ahandi bakandika abana batarakwiza imyaka yo gutora, n’abafise uburangamuntu bwinshi buriko amazina atandukanye.

Kuri ivyo vyose, Aloys Baricako akaba yashikirije ko umugambi BACEMWO wa CNDD FDD wo kwiba amatora uriko ukorwa ubu. Uwo mukuru w’umugambwe utavuga rumwe na Reta akaba yerekanye uburyo bushasha bwo kwiba amatora, aho umuntu umwe ashobora kwiyandikisha akarenga 3, mu gihe c’amatora akazotora ako kenshi nyene. Aloys Baricako avuga ko ku makarata umukuru w’umurwi CENI Petero Karaveri Ndayicariye yongeyeko hambavu y’ikarata karangamuntu, ikarata karangamuntu gusa ariyo iriko amazina y’abavyeyi, nayo izindi nk’uruhusha rwo kugendesha umuduga, urupapuro mureke arengane zitagirako abavyeyi, izo rero umuntu agashobora kuzikoresha, agaheza agahindura abavyeyi biwe, ku munsi w’amatora akazotara kenshi.

Baricako asaba abanywanyi biwe kumera magabo uwo mugambi avuga ko ari uwa CENI na CNDD FDD bawuburizemwo hakiri kare. Asaba abanywanyi biwe kubana neza n’iyindi migambwe, ariko kandi bifatikanye cane n’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • Azodutekerere ibitumbura vyinshi na ma kinju menshi tuhamare iminsi,tuzotahe ivyo tugomba vyose bikunze umutekano tuzowicungira.

  • Inama yumugambwe ibera muri salon yumuntu,hanyuma nabo ngo bafise ivyo bagaya,ni babanze bagaye ikibanza cinama.

  • Ariko murasetsa! Nkawe uwokubwira atizana abanwanyi bawebashika ijanarimwe (100) haromuntara ya Kirundo wobaronka? Gusabirababaje kubona umuntu abaho numugambwewiwe utazwi ariko agashaka kuwumenyekanisha avugango barundi muragaba ndajekubavuruga!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.