Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paster de Papa ni umuvugabutumwa akaba n’umuririmvyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Paster de Papa ni umuvugabutumwa akaba n’umuririmvyi

Paster de Papa ni umuvugabutumwa akaba n’umuririmvyi

jeudi 18 Mukakaro 2013

Habonimana Balteremi azwi cane kw’izina rya Paster de Papa , ni umugabo w’imyaka 34 y’amavuko, afise kandi umukenyezi umwe n’abana batatu. Ni umwungere w’ishengero rya Life Center i Bujumbura.

Kuri iri genekerezo rya 18 Mukakaro 2013, igihe yaganira n’ ikinyamakuru IGIHE ku bijanye n’ ingene kuba ari umuvabutumwa akaba n’umuririmvyi bimufasha vyinshi mu bikorwa vyo gukorera Imana. Paster de Papa, avugako yatanguye kuririmba akiri umwana mutoyi ku myaka itanu, aho yakunda kwibera mw’ishengero kuko sekuru wiwe yari umwungere w’ishengero aca abandanya aririmba mu mirwi itandukanye yo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo no ngaha mu Burundi.

Paster de Papa avugako yatanguye kuririmba wenyene mu mwaka wa 1995, aho yari mu buhungiro mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ubu akaba amaze kugira indirimbo nyinshi harimwo izo yigishije imirwi mbere nizo aririmba wenyene, kandi hakaba haheze umwaka asengewe kuba umwungere w’ishengero rya Life Center. Abandanya avugako kuba umwungere w’ishengero bitamubuza gukoresha n’iyo ngabirano yo kuririmba, kuko abona ko vyose vyuzuzanya kandi bimufasha cane mu murimo w’Imana.

Uyo mukozi w’Imana ubu ngo ico ariko arategura, ari ugushira ahagaragara album yiwe ya mbere ikaba ifise izina ry’igiswahili « Musifu Bwana Daima » zaburi 103 akaba avugako azoyishira ku mugaragaro mu mpera z’uku kwezi turimwo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.