IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Prosper Bazombanza: Ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora (...)

Prosper Bazombanza: Ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Inyuma y’aho ku mashuri amwe yo mu gisagara ca Bujumbura nayo mu gihugu hagati ata mirimo iriko irarangurwa, abategetsi b’igihugu bavuga ko ikirangaminsi c’umwaka w’ishuri kidashobora guhinduka.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko naho hari abanyeshuri batariko barabandanya ivyigwa kubera ubwoba buvuye ku myiyerekano iriko iraba biyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza, arongore Uburundi, ikiranga minsi c’umwaka w’ishuri ntigishobora guhinduka.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w’inyigisho mu mashuri y’intango n’ayisumbuye Roza Gahiru asaba abanyeshuri gusubira ku mashuri, mu gihe hari ibibazo vya Reta vyimirije.

Hagati aho, mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi baramaze gufata ingingo yo kwirukana abanyeshuri baba mu bigo vya kaminuza vyose biri mu gihugu,bakavuga ko bazogaruka imyiyerekano iheze. Ku mashuri amwe afise uburaro yo mu ntara ya Gitega, Kirundo, Bururi hamwe no mu gisagara ca Bujumbura abana baratashe kubera gutinya ko umutekano wabo ushobora guhungabana.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.