Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: APDH rigiye kwigisha amategeko ingo n’imiryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Burundi: APDH rigiye kwigisha amategeko ingo n’imiryango

Burundi: APDH rigiye kwigisha amategeko ingo n’imiryango

mardi 19 Munyonyo 2013

Ishirahamwe rirwanira agateka k’abagabo batotezwa mu ngo zabo ari ryo APHD ( Association pour la Protection de l’Homme et de l’homme en Detresse) risaba ko Reta yofasha kugira umunsi mukuru w’abagabo ufatwe mu mugongo nk’uko yama ibigira ku munsi mukuru w’abakenyezi, mu gihe kuri uyu wa 19 Munyonyo ari umunsi wahariwe abagabo.

Vicent Bukuru arongoye ishirahamwe APHD imbere y’amategeko, avuga ko abagabo bamwe bamwe co kimwe n’abagore bamwe bamwe bakubitwa mu ngo zabo, ndetse hakagera naho bata ingo zabo, mu gihe hari n’abahitamwo kwihora. Iryo shirahamwe rero rikaba rifasha mu guhanura abagabo ko boreka kwihora no gutegura kwihora, ahubwo bagategura ibiganiro, vyofasha impande zibiri zitumvikana, kugira bonyene batorere umuti urama ibibazo vyabo. Iryo shirahamwe rikaba ribandanya no gutanga impanuro ku ngaruka mbi zibonekeza iyo abubakanye bafashe ingingo yo kuvana.

Bukuru akaba asaba ko ingo zorengera ibizitandukanya, utugorane twaduka, gurtyo bakaba bikingiye indyane zaduka hagati yabo. Abandanya avuga ko nk’uko mu mashengero bigisha abagiye kwubakana ukwo bokwigenza mu ngo zabo, ko ariko nabo mw’ishirahamwe arongoye bagiye kuzohora bigisha amategeko agenga ingo n’imiryango.

Kugira ivyo bishikweko, Bukuru amenyesha ko agiye gukorana n’amashirahamwe yo mu gihugu na mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu. Ivyo akaba yabivuze mu gihe amakungu ariko arahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu w’abagabo uba kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo ukwo umwaka utashe, ariko mu gihugu c’Uburundi uyo munsi ukaba utazwi cane.


Aristide Nizigire

Messages

  • UMUGABO YAMA MUMUSI MUKURU NTIBIKENEWE KO AHARIRWUMUSI NK ABATEGARUGORI.

  • sigaho nta misi mikuru y’abagabo kuko barayiha uko babishatse abo bakubitwa nabo nuko ata bugabo bafise uwufise ubugabo ntakubitwa n’umugore ahubwo nibaza ko jewe iryo shirahamwe ritari agrée hamwe naho ryoba ryamewe nosaba ko ryofutwa ntirigira ifatiro.

  • Har’abagabo Batari Bamerewe Nabi Mbere N’ukwomoka Akarorero N’umugabo Umwe Yomowe N’umugore Wiwe Abifashijwe Nasentare Aho Ni Muri Komine Gishubi K’umuTumba Wa Kayogoro Birabaje Kubona Womorwa MWitongo Wavukiyemwo Ntahagire Ijambo Ugira Kandi Araho Wavutse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.