Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta yahawe iminsi 14 kugira abanyagihugu bahamagarirwe kuja (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Reta yahawe iminsi 14 kugira abanyagihugu bahamagarirwe kuja (...)

Reta yahawe iminsi 14 kugira abanyagihugu bahamagarirwe kuja mw’ibarabara

lundi 25 Munyonyo 2013

Imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri itavuga rumwe na Reta yasubiriyemwo amasezerano nyamukuru ngenderwako y’ingene bazokwitaba amatora yo mu mwaka w’2005. Urwo runani rwaboneyeho n’akaryo ko guha Reta y’Uburundi indwi zibiri gusa kugira ishobore gutunganya ikiganiro kuvyohinduka mw’ibwirizwa shingiro. Bitagenze uko, urwo runani rumenyesha ko ruzoca ruhamagarira abanywanyi barwo kuja mw’ibarabara.

Mu runani ADC Ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta barahuye kugira basubire kwemezanya amategeko ngenderwako bazokorerako mu matora yo mu mwaka w’2015. Bemeranije ko bazotanga uwuserukira urwo runani umwe mu matora y’umukuru w’igihugu, kandi ko uwo azoba yatowe ari uwuzoba yumvikanyweko n’imigambwe ihurikiye muri urwo runani yose. Bumvikanye kandi ko batarota basubira kwikura mu matora nk’uko vyabaye mu mwaka w’2010. Bazoyabandanya yose uko azoba yateguwe.

Ku kibazo c’umugambwe FNL wa Rwasa Agathon utabonetse muri uwo mubonano, Léonce Ngendakumana, arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu yamenyesheje ko Rwasa Agathon akiriko aravugana n’abanywanyi biwe kugira bazoheze bamenyesha aho bahagaze ku bijanye n’uruhara rwabo mu runani ADC Ikibiri. N’aho Rwasa Agathon atari muri ivyo birori vyo gushira umukono ku masezerano ngenderwako, Léonce Ngendakumana abandanya amenyeshwa ko icegeranyo c’ivyavuye muri uwo mubonano kizorungikirwa Rwasa Agathon.

JPEG - 369.4 ko
Léonce Ngendakumana, arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu

Mu bijanye n’’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro iyindi migambwe itagishijwe inama, mu runani ADC Ikibiri bahaye Reta y’Uburundi ikiringo c’indwi zibiri gusa kugira abandi bose vyega bazobe bahawe akaryo ko guterera ivyiyumviro ku vyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro. Ico kiringo nicarenga atakirakorwa, mu runani ADC Ikibiri biteguriye guca bahamagarira abarundi kwihereza amabarabara biyamirize iyo ngingo.

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, umwe mu migambwe umunani yateye umukono kuri ayo masezerano, asaba abajejwe umutekano (abasirikare n’abaporisi), ko mu gihe iyo minsi cumi n’ine yohera Reta y’Uburundi itarikebuka, ko batobera intambamyi abarundi bazoba bihaye amabarabara bari mu myiyerekano. Kubwa Alexis Sinduhije, n’abo bajejwe umutekano ikibazo c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro nabo kirabaraba.

JPEG - 108.3 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nukuri birambaza iyo n,umvise mugihugu canje hakiri abantu bagifise ivyiyumviro bitagira akama ,abo banyamigambwe turabamenyereye ko basumira inda zabo gusa , aho guhimiriza abarundi ngo bijukire ibikogwa vyoteza imbere igihugu babahenda ngo baje mwibabrabara kunyungu zabo twibaze yuko iyo ngendo atanyungu ifasha uburundi nabarundi

  • Emwe barundi, ni dukanure twamirire kure uwo wese agomba ko duta ibikorwa ngo tuje mwibarabara. Mbega sha, jewe ko ndi taxi moto, , mfungura aruko mvuye kwirukanka mwibarabara, ni ntajayo ayo kurya muzoyampa ga Sinduhije na bagenzawe? Murahumba, ntituzobemerera, kiretse ikijuju kitazi ko meebwe muduhenda ama stoke aba yuzuye ivyo murya.

  • Kuja mw’ibarabara siwo muti nagato,kandi nibazako abazoja kwirirwa bicaye mw’ibarabara bamwe muribo bakahakomerekera abandi bakirirwa ataco binjirije imiryango yabo,Sinduhije na Léonce ntakintu nakimwe nibazako bazobafasha,akarorero kahafi nabanyanyi baba MSD bi Gihanga bavundiye mugasho,ADC-ikibiri iravuga ko ifise abanywanyi beshi cane mu ntara zose z’igihugu,nibwire Reta y’Uburundi izane iryo bwirizwa shingiro kubanyagihugu bose,abo beshi bari muri ADC-ikibiri batore OYA,abandi bashigikiye Reta hamwe nabo muri CNDD-FDD batore EGO,hanyuma tubone abo beshi batsindiye iryo bwirizwa shingiro uruhande bariko,kandi ninaho tuca tubona ahiguvu zizoba ziri mumatora ya 2015.

  • Turabakunda ariko kudusaba kujamwibarabara uyumusi uburundi ahobugeze ntacovyotumarira kotwagiz’Imana mu Burundi hakaza democratie yaba reta canke uyindimigambwe itarumugambwe yatsinze amatora mwese ntimuze muribaza ngomurazi guharira nogutegana imitego reta ugasanga ngo ndikondakora neza, iyindimigambwe ngo reta reta ikoranabi twebwe titwebwe twokoraneza, ukwokwiyemera kumwumwerero nisawa ariko ntimuze muraduhamagarira kwiruka mumabarabara twebwe tuzojamumabarabara tugiye kubamaramaza mugihe camatora icogihe dushobora kumaramaza umugambwe urikubutegetsi canke iyoyindimigambwe yifuza gutwara igihugu uyumusirero ntidushobora gushira umuntunumwe kubutegetsi hataragera amatora, Misiri bagerageje kujamumabarabara vyarahinduye bamwe barikubutegetsi ariko akajagari kakurikiye sinibuka imisikamaze ohoo! harihumuntasomye ivyonarikondandika aciyavugako nunomusi katarahera ngo abahorabatahura ibintukumwe haherimisi ugasanga ntibahuza.

  • Sinduhije twarashimye kowagarutse kwitegurira amatora yomuri 2015 arikontitwogushimira ukomeje iyomvugo yokubwira abarundi ngobaje mwibarabara nokwemeza ko nabasirikare bigihugu vyobagirira ikimazi, iyaba abasirikare ubakundavyukuri cagihe vyabisuma vyirirwa bibatamwo amagrenade nabasasu nyumayamatora 2010 iyowaruri ubawaravuze ndiyamirije abantubagiribitero kugisirikare cigihugucanje kukotwarakwumva uvugibindi. wabonyerero abarundi barashinze iryinyokurindi igihe wabata maze ukababasha amajambo yumvikanishako buca uburundi bwakamwo umuriro mazebarigumya ntibagukurikira iyowagiye uyumusi uzanye uyundimukenyuro wokubayoborera mwibarabara nkinka!? Turabiyamye kuzamurarondera ivyomushaka mubanje kutwanduza canke kuduteranya nabotutavugarumwe muvya politique syewe! tuuuuu!!!! Bwarayaze.

  • ndabaramutsa nasomye ibyo abandi banditse sanga abarundi bamaze kumenya icatsi nururo icomwomenyo ntamunyepolitike wumurundi akunda abarundi iyo ngi ni adese ikibiri irimwo abahoze batwara bakoziki twavuga kotwahonvye ubu hageze ko bahamagara ngotuje mumabarabara baduhembe inkoni aba bari kudutwara ivyobemeye barbikoze bose muri rusangi babaye abanyabinyoma

  • nukwitonda aha kwisi kuko ntakidahinduka ivyo vyipfuzo mufise vyokuvuga abandi namwe mutiuravye ntaho bishika kuja mwibarabara nuburenganzira bwumwumwe wese hama nawe uriko e=urabi critika nuko utari umurundi

  • BIKWIYE KURONDERA INGUMVU ZUKUBATEMBAGAZA KUNGUMVU BADUSHEGESHE.NIVYO BISIGAYE KUKO ABANYAGIHUGUTWARAMBIW

  • Turi muri democratie kuja mw ibarabara si ukurwana nico mutumva ..Rero tuzojayo ko dd idashaka gusangira ikiyago n abandi kuri un sujet aussi important que la constitution!!!nzi ko aba dd muri trop fanatiques..!!!nta yindi moyen de contrainte erega abarundi ivyo muvuga umengo turi muri dictature , nous disons non!!Reka basha iryo terabwoba turazi ko mufise abasazi benshi ariko on va voir n amakungu abamenya ariko anabazi ,,ona ce droit a la limite!!!

  • Kubatembagaza kunguvu twarabigerageje nyumayamatora 2010 twasanze bidakunda kukotwasanze tucaduhangana nabenegihugu abajejwe umutekano ekatwasanze iyonzira idahita. ubucotwahisemwo nukurondera uburyobwokubambika ibara kugira turebeko abenegihugu bobakurako icizerebabafitiye baze bakazoreka kubatora muri 2015

  • Inguvu canke iterabwoba, ntibigikoreshwa muri politike. Abacibaza gukoresha abanyagihugu nk’uko Buyoya Pierre yagerageje kubahenda aciye kuri Ngeze, Mayugi na Sibomana, bizobabana amazi. Ndavye ivyiyumviro n’insiguro runtu abarundi bagenda batanga, bashimikira ku mahoro n’umwumvikano hagati y’abo ba nyepolitike bose. Ivyabaye rero i 2010, ntibigasubire mu Burundi. Vyanse ko uyu canke uriya arongor’u Burundi, ubuzima ntibuca buhagararir’aho. Imirimo ni myinshi-abahacumukurira ni abamugaye na bamagaramake kubera indwara. Hari umutekano na demokarasi, umunyepolitike arashobora kubandanya politike ariko afise aho ayivugira n’abo ayiganira. Igihe c’amagaburanyama kiriko kirarangira. Alexis Sinduhije wa MSD, Leonce Ngendakumana na Frederic Bamvuginyumvira ba SAHWANYA-FRODEBU kimwe na Chauvineau Murwengezo wa UPD-Zigamibanga n’aho Edouard Nduwimana atabemera kimwe na Agathon Rwasa, nta nkeka bazob’abashingamateka canke abakenguzamateka. Aha sinibagiye Nyangoma Leonard wa CNDD. Muri uyo mukino wa politike, abongereza bavuga bati "if you are not able to fight your ennemy, join him/her". Si agaseseshwarumuri, CNDD-FDD ifise abanywanyi benshiii kandi imaze gukora ibitari bike mu Burundi. Hakubona igihugu cacu kirwa mw’isanganye nk’ivyabaye mu bihugu vy’abarabu no mu bihugu bibanyi, nosaba ducishe bugufi. Kuguma ADC-Ikibiri iguma yiyamiriza Pierre Nkurunziza ko atosubira kwitoza ata karusho canke imigambi bavuze, bitera amakenga. Kuja mw’ibarabara naho, imvugo yo guhimiriza benegihugu kwihereza amabarabara, buca bituma bo nyene bacanamwo hama banarambire twebwe abanyagihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.