Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahaye ingabire y’amadolari 200.000 Croix Rouge (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahaye ingabire y’amadolari 200.000 Croix Rouge (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahaye ingabire y’amadolari 200.000 Croix Rouge na ABUBEF

vendredi 7 Kigarama 2012

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika cahaye imfashanyo ingana n’ibihumbi 200 vy’amadolari y’abanyamerika amashirahamwe abiri, Croix Rouge na ABUBEF ryitaho ineza y’imiryango mu migambi yo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.

Icigwa cakozwe n’ubushikiranganji bw’ugufatana munda mu mwaka w’2009, cerekana ko mu bihe vy’intambara, ibice 5,9 kw’ijana vy’abagore n’abakobwa bahatswe gufatwa ku nguvu mu gihe ibice 2,6 kw’ijana bafashwe ku nguvu. Benoit Nizigiyimana arongoye igisata c’amagara y’abantu muri Croix Rouge niwe yabivuze.

Samuel Watson, ajejwe ibikorwa mu buserukizi bwa Amerika mu Burundi avuga ko ivyo gufata ku nguvu abagore no kubahohotera bituma baba ibitabwa ntihagire uwusubira kubitaho, gutyo nabo bagata ibanga ryabo ryo guterera mw’iterambere ry’imiryango. Yabivugiye mu birori vyo guha imfashanyo amashirahamwe Croix Rouge na ABUBEF ryitaho ineza y’imiryango kuri uyu wa kane italike 6 ukwezi kwa Kigarama i Bujumbura. Ni mu ntumbero yo gushigikira ayo mashirahamwe mu kurwanya amabi akorerwa abagore.

Croix Rouge yamenyesheje ko igiye kwitaho intara ya Kirundo kuko isigaye irimwo amabi akorerwa abagore menshi. Ibiharuro vyerekana ko mu mezi atandatu aheze, abagore 104 bakiriwe kwa muganga kubera gufatwa ku nguvu, imanza nazo zishika 154 ziri mu butungane kubera ico caha mugihe izigera kw’104 zimaze gucibwa.
ABUBEF naryo ngo rigiye kwihatira mu ntara za Ngozi n’igisagara ca Bujumbura.

Iyo mfashanyo yatanzwe na reta zunze ubumwe za Amerika izokora cen cane mu guhimiriza abantubamenye amategeko n’anmasezerano mpuzamakungu u Burundi bwateye ko umukono yerekeye kurwanya amabi akorerwa abakenyezi hamwe no gufata mu mugongo abahuye nivyo vyago. Uwurongoye ABUBEF yamenyesheje ko mu myaka 7 iheze, iryo shirahamwe ryakiriye abagore 1550 bafashwe ku nguvu, muri bo ibice 78 kw’ijana n’abakiri bato.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.