Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rugombo : Abantu barenga 60 bafise indangamuntu zisa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rugombo : Abantu barenga 60 bafise indangamuntu zisa

Rugombo : Abantu barenga 60 bafise indangamuntu zisa

vendredi 20 Ntwarante 2015

Imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD imenyesha ko kwandika abazitabira amatora vyosubirwamwo, kuko ubunenge butari buke bumaze kwibonekeza.

Mu ntara ya Cibitoke, komine ya Rugombo, abantu barenga 60 nibo basanze bafise inomero zisa ku ntonde zamanitswe n’umurwi ujejwe amatora muri komine. Abatavuga rumwe na Reta bakabona ko ubusuma bwahejeje kuba bw’amatora. Abo batavua rumwe n’ubutegetsi, babona ko ayo makosa ari menshi, mu gihe no mu zindi ntara ubunenge bumaze kwibonekeza ari bwinshi. Eka si ivyo gusa, hari n’abanyagihugu bavuga ko bagenda kuraba ko banditswe bakibura, ivyo bigashobora kuzotuma batazotora, mu gihe nyezina c’amatora.

Mukamenya ko muri iyi ndwi, umushingwamanza Isidore Rufyikiri aheruka kumenyesha ko azitoza ku gatwe kiwe, asaba abanyeporitike kuja hamwe, bakaraba uko umurwi ujejwe amatora CENI wokurwa, hakajaho uwundi. Uwo mushingwamanza akavuga ko igaruka rya Petero Karaveri Ndayicariye hamwe na Prosper Ntahorwamiye mu burongozi bwa CENI, ari kubera ko umugambwe CNDD FDD warushije inguvu imigambwe batavuga rumwe. Ubu rero agasaba abanyeporitike kudasamazwa n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ahubwo babanze bakureho uwo murwi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo twese kuva kumuto gushika kumukuru cane cane imigambwe itavuga rumwe na leta ya CNDD tukiyamiriza akokagwi k’inkorabara ngo ni Ahubwo twese kuva kumuto gushika kumukuru cane cane imigambwe itavuga rumwe na leta ya CNDD tukiyamiriza akokagwi k’inkorabara ngo ni CENI.

  • Murahumba basha, ubusuma mwagz 2010 buramaze,ubuho nimuteshwe mute mwomoke! Mwanka kwumva ubu muzumvirayo!

  • Turk Imana Idutabare Niko Bizokwama Gushika Yesu Aje Kuko Yavuzeko Kw’isi Muri N’amagorwa Ariko Duhumur Yesu Yaratsinz Kand Azodutsindira

  • Turk Imana Idutabare Niko Bizokwama Gushika Yesu Aje Kuko Yavuzeko Kw’isi Muri N’amagorwa Ariko Duhumur Yesu Yaratsinz Kand Azodutsindira

  • ndasavyeko ubunenge bwibonekeje mur comune rugombo muntara yacibitoke centre d’inscription E P munyika 1 hamwe na cuzwe atariho honyene kimwe gusa nuko abarongoy imigambwe ko bohimiriza abamandateur politique babo bakaja kuma centre atandukanye iyumvire aho centre munyika 1 mwiyandikwa ryambere bar banditse 3546 ubu haje amazina angana 2017 abandi barihe?

  • Ewe dd uratera igere usambagurika!Opposition ni ihagarare mpaka Ceni ikuwe,n’iyandikwa rigasubirwamwo.Atari uko vyose ni intambara kuko turazi ko ku rubuga dd ata banywanyi isigaranye.DD itegure nyabuna ubise FNL ya Nyenicubahiro A.Rwasa,tubogore igihugu,bene Burundi bishire bizane.Dd byebye!!!!!!!!

  • @ l’ opposition et aux burundais qui aimons ce magnifique pays.

    Si nous continuons àcrier , àpleurnicher, àdemander au monde international pour trouver une solution ànos problèmes, lànous rêvons en couleuvres! Les élections sont déjàtruquées et les preuves dont éloquentes.
    Vous savez que dans bien de pays avancés , les gens ont du se lever et se battre contre les tyrans. Pour emprunter la voie de la modernité, il faut obligatoirement une "révolution". Sans cette dernière, nos dirigeants ne comprendront jamais que le pouvoir est un prêt qu,on les prête et qu’ en moment donné ils doivent le remettre aux vrais détenteurs, le peuple. La révolution viendrait redéfinir les règles du pouvoir afin de nous engager dans la bretèle de l’ autoroute de la démocratie

  • nimba umugwi ceni uhengamye kora inguvu muwirukane mutore uwundi mugwi kuko biboneka ko ukorana nareta muwusengeze ntiwongere kuduta mwihumbi peter mumwihoje asobora kuguma abasamaza kugira mwibagire ceni kebuka hakirikare naho ahandi murakorera ubusa uwomugwi mutawirukanye urabacamwo rero huhindurire hakirikare

  • BANDANYA MUTERA INDURU NGWA MATORA YIBWE MUBURA KUJA KURUBUGA MWISHINGE IREMENTANYA MURABA NKA 2010 IBIBAZO NTIBIZOTORWA UMUTI MWIBARABARA NO MU MA RADIO AGUMURA EGERA ABANYWANYI BANYU MU BIGISHE NAYAHANDIHO MUZOSANGA S.E NO1 ARIKO YITOZA ARUMWE NKOKO VYAMYE BIBE IMYAKA YOSE EHEEE..... GWIZA IBIKORWA MUGABANYE AMAJAMBO NAYO ABO BANYAMERIKA NA BANYABURAYA BARABAHENDA BARABAKO INYUNGU ZABO ZIKWIYE MUZOSIGARA MURARYANA BIGIRIYE MWI KWA KADAFI NUBU BARACARI MUNGORANE BAHENZE N AMERIKA NGWAYE IMYAKA MYINSHI NONE UBU BARICUZA ICATUMYE BASUBIRANAMWO NI HARAMBE UBURUNDI NABARUNDI KOMERA

  • Mbe imigambe yose iri muburundi hamwe ninani hamwe nabitoza kugatwe kabo mu rananiwe nogukura ceni mbe mugana gute mwonanirwa nogukura akokarwi munaniwe nimukure amajambo hanyuma cdd fdd yitwarire namwe mwishinge iminwa bobo ntibavyina bazobigisha muguma mwidoga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.