Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Umurindi munini w’abahungutse mu guharika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Rumonge : Umurindi munini w’abahungutse mu guharika

Rumonge : Umurindi munini w’abahungutse mu guharika

samedi 6 Nyakanga 2014

Muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, havugwa ingeso yo guharika ija n’iyafashe umurindi munini cane cane ivyo bikibonekeza ku bahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Abo banyagihugu bava mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bafata ko ubugeni bwemewe imbere y’amategeko ari ubugeni baciye mw’isengero gusa, ivyo bigatuma baharika atacamira. Abagabo bavuye mu gihgu ca Tanzaniya bo muri komine ya Rumonge intara ya Bururi, bakaba baca basubira kurongora udukumi tukiri duto,bagata abo bari basanzwe bubakanye, ndetse abo bakiri bato, bakaba aribo baca banasezerana imbere y’amategeko.

Janviere Ndirahisha arongoye uhuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu, akaba asaba abakenyezi bahurikiye muri iryo huriro kumitumba yose, kujijura abagabo babo bubakane biciye mu mategeko, ndetse akanabasaba ko abahungutse bava mu gihugu ca Tanzaniya, icokorwa mu maguru masha, ari ukwabirana baciye mu mategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.