Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rutana: Abanyagihugu basabwa kutaryana bapfa imigambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rutana: Abanyagihugu basabwa kutaryana bapfa imigambwe

Rutana: Abanyagihugu basabwa kutaryana bapfa imigambwe

vendredi 22 Munyonyo 2013

Mu gihe amatora yo mu mwaka w’2015 asa n’ayasigaje igihe gito, abarongoye intwaro bariko barahamagarira abarongoye imigambwe haba mu ntara canke mu makomine guhamagarira abo barongoye kutaryana urwara, ahubwo bahurire mu bikorwa bibateza imbere.

Mu nama n’abakuru b’imigambwe ikorera mu ntara ya Rutana, buramatari w’iyo ntara Juvenal Ndayiragije asaba abarongoye imigambwe mu Rutana ko bohamagarira abanywanyi babo kubahana, umwe wese akubaha mugenzi mu budasa bw’imigambwe yabo. Buramatari Ndayiragije ahamagarira abarongoye iyo migambwe ko bokundisha abo barongoye ibikorwa vy’iterambere rusangi.

Mwene izo nama rero zihuza abarongoye imigambwe mu ntara zikaba zifasha mu gutsimbataza umwumvikano mu banyagihugu, mu gihe hari hamaze igihe havurwa ukutihanganiranira mu vya poritike ndetse ugasanga, ukwo kutihanganiranira gushobora gutuma ibintu biyangara imbere y’ukwo amatora aba yo mu mwaka w’2015, eka canke ugasanga vyunyutse n’inyuma y’amatora.

Buramatari Ndayiragije asaba abarongoye abandi mu vya poritike muri iyo ntara guhamagarira abo barongoye gukunda ibikorwa vyobateza imbere, aho kubahamagarira kuryana nabo badahuza ivyiyumviro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.