Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saint-Valentin yoba yavuye he - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Saint-Valentin yoba yavuye he

Saint-Valentin yoba yavuye he

mardi 29 Nzero 2013

Saint-Valentin ni umunsi mukuru w’abakundana.Nimba rero bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bafata ko uwo munsi ari uwo gusangira n’abo bakunda ari nk’utuganuke,impanuro n’ibindi.Mu ngo nyinshi igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana.None Saint-Valentin yoba yavuye he?

Jean Duchemin yanonosoye ivyigwa vya kahise,asigura ko umunsi wa Saint-Valentin uri mu minsi abantu benshi bagomba kwiyitirira.Ni umunsi wa Valentin,umupatiri w’umuromani yabayeho ku ntwaro y’umwami Claude II yatwaye mu kinjana ca gatatu inyuma y’ivuka rya Yesu.None ni igiki catumye Valentin avugwa cane gushika uno munsi?

Umwami ClaudeII yari yanse ko haba ubugeni mu ntumbero yo gutuma abasirikare biwe baguma kw’ibanga.Uwo mupatiri Valentin ntiyahagaritse gushingira abantu,umwami aca aramufata yongera aramupfunga.Inkuru zivuga ko uwo mupatiri yoba yaciye akunda umukobwa atabona w’uwucungera ibohero.Valentin yaciye yandikira ikete uwo mukobwa imbere y’uko igihano gishirwa mu ngiro.

Nk’uko Jean Duchemin abandanya abimenyesha,Lupercalia wari umunsi mukuru w’abapagani ujanye no kurondoka.Kuri uwo munsi baba bagomba kwibuka imana Lupercus,kikaba igihe kandi co gutuma abakiri bato bashobora kuvyara.Ishengero ntiryatevye kugira ico ribivugako kuko nk’uko Duchemin abandanya abivuga ngo uwo munsi w’abapagani ishengero ryawuhinduye mu munsi mukuru wa katorika mu ntumbero yo gushobora kugenzura inyifato y’umwe wese no gucungera uko bubahiriza imico.
Uwo munsi uca witwa uwa Saint-Valentin,umunsi mukuru w’abakundana.

Kubera bivugwa ko iyo umuntu akunda adaharura,umunsi mukuru wa Saint-Valentin uri mu minsi ituma abadandaza baronka amafaranga menshi kuko abagura utuganuke baba ari benshi kandi bataba bitayeho ibiciro, igikuru kuri umwe wese kuba ari kuronka igishobora kunezereza umukunzi wiwe.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.