Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare ntahinyuzwa yerekanye aho ihagaze ku rubanza rw’Abadasigana ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Sentare ntahinyuzwa yerekanye aho ihagaze ku rubanza rw’Abadasigana ba (...)

Sentare ntahinyuzwa yerekanye aho ihagaze ku rubanza rw’Abadasigana ba UPRONA

mercredi 29 Nzero 2014

Sentare ntahinyuzwa yashikirije ko bitagikenewe ko isasa mu rubanza ruhuza abadasigana ba UPRONA. ivyo, iyo sentare ikabishikiriza inyuma y’aho umukuru w’umugambwe, umushingamateka Karori Nditije amenyeshereje ko hari, abariko barashaka kuzana imanza kandi abadasigana bariyumvikaniye ko batagira urubanza na rumwe muri sentare.

Iyo ngingo ya sentare ntahinyuzwa yo kuri uyu wa 28 Nzero ku muhingamo, ikaba yaje inyuma y’aho umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona umushingamateka Karori Nditije yagiririje umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ko uriko ukoresha bamwe mu badasigana, kugira urubanza rwakuwe muri sentare ntahinyuzwa ruhuza umurwi wishinze kwambika umutamana Uprona na Uprona iri mu nzego z’igihugu rusubire gucibwa, ivyo abo badasigana babona ko vyari bigamije guhamba umugambwe wa Rwagasore.

Ku muhingamo w’uyu wa 28 Nzero rero, bamwe mu badasigana bakaba bavuga ko urwo rubanza rwashobora gusasa, rugaca rucibwa kuko hari abadasigana boba bariko barakoreshwa kugira umugambwe wabo usubire mu ryane, aho UPRONA waca uba urarongowe ivy’imfatakibanza na Niyoyankana Bonaventure umushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega, ndetse yigeze kurongora uyo mugambwe, kugira atunganye ayandi matora, kuko uwuhari Nditije Karori, yaca afatwa nk’uwutatowe bidakurikije amategeko.

Muri iki gihe uyo mugambwe wiyunze, amashami yahora adacana uwaka agasubira kurangurira ibikorwa hamwe, kugira ibitandukanya abanywanyi bawo bitorerwe umuti, umushingamateka Karori Nditije aboneraho akaryo ko gusaba nyabuna Reta y’Uburundi gushigikira isubirana ry’imigambwe, kugira imigambwe yose yagiye iracibwamwo udushami twiyita ’’NYAKURI’’ isubire hamwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.