Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sinduhije yasavye abihebeye Imana gusengera imyiyerekano ya ADC (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Sinduhije yasavye abihebeye Imana gusengera imyiyerekano ya ADC (...)

Sinduhije yasavye abihebeye Imana gusengera imyiyerekano ya ADC Ikibiri

lundi 2 Kigarama 2013

Muri ADC Ikibiri baremeza ko isango ari rya rindi. Ku wa 9 Kigarama hakagera Reta n’umugambwe CNDD FDD ataco baribwira ku bijanye n’integuro y’ibwirizwa nshingiro, atagisivya, biteguriye kwihereza amabarabara.

Alexis Sinduhije yabariye abanywanyi biwe mu ntara ya Kayanza muri komine ya Butaganzwa mu mpere y’iri yinga, ko badashobora kwihanganira agasuzuguro bagirirwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, aho awagiriza gutegura ibwirizwa nshingiro ariwo wonyene, atayindi migambwe yabajijwe, eka ndetse ata n’ishirahamwe canke mu mashengero basabwe guterera iciyumviro, mu gihe iryo bwirizwa nshingiro riraba abarundi bose, bari mu migambwe yose, mu madini yose, mu buzi bwose eka no mu bwoko bwose.

Ku bw’ivyo rero, Alexis Sinduhije akaba yavuze ko hamwe umugambwe CNDD FDD utokwikosora ngo bazane iryo bwirizwa nshingiro bose baryige kuko rizobagenga bose, atagisivya bazoja kuba mu mabarabara, mpaka abipfuza kuritegura batabajije abandi barundi bisubiyeko. Akaba yasavye abajejwe umutekano, abaporisi n’abasirikare, kutikora mu nda, mu gihe bohendwa kuja kuburagiza iyo myerekano. Umukuru w’umugambwe MSD akaba yasavye abo baporisi n’abasirikare kuzoreka abanyagihugu bose bakigira mu myiyerekano kuko ari uburenganzira bwabo bwo gusaba ihinduka ry’ikitagenda neza mu gihugu, na cane cane ko iryo bwirizwa nshingiro ririko rirahindurwa riraba abaporisi hamwe n’abasirikare.

Nk’uko ayo makuru tuyakesha iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPAabivuga, Sinduhije akaba yasavye ndetse abihebeye Imana gusengera urwo rugendo bazogira, kugira ruze rugire ico ruvuyemwo, urugendo amenyesha ko ata n’igikwashu canke urushinge abanyagihugu bazoba bafise. Muri ivyo bikorwa yarimwo aho mu ntara ya Kayanza, abanyagihugu bakaba bari benshi, naho urwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD FDD rwoba rwari rwashwaye imitumba yose igize komine ya Butaganzwa, babuza abantu kwitaba ivyo bikorwa vy’Alexis Sinduhije, aho yariko arugurura ingoro y’uwo mugambwe muri iyo komine.

JPEG - 23.1 ko
umuvugizi w’urunani ADC Ikibiri Chauvineau Mugwengezo

Ku bivurwa ko hari abashobora kwiterera muri iyo myiyerekano kugira bononere abari muri ADC Ikibiri, umuvugizi w’urwo runani Chauvineau Mugwengezo avuga ko ivyo nabo bavyicura ko hari abatovyi bashobora kuza kubatobera, ariko bavyiteguriye ku buryo atamuntu n’umwe azobazanamwo akajagari. Nawe nyene akavuga nk’uwo barikumwe muri urwo runani, ko isango ari ntabanduka, bazoja mw’ibarabara hamwe ibwirizwa nshingiro ryogumanwa n’umurwi umwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • komera adc witegure icimana yavuze kuburundi igira ikigukoreshe wirinde witegure neza inyuma y,indwi zibiri irya migambi mwa sinye iraja mungiro wakire ubuvugishwa haleluya umunywanyi wese wa adc acakire

  • kumbwanje nibazako leta yobiraba ivyo ADC ivugako arivyo isanze arivyo bicare baganire kuko nibaza umuti sukuja mumabarabara nakarengo ibigiye inama bigira Imana,

  • Hahahahaaaaa.Cakira! ADC cakira. Ariko baraba ntibahave bacakira igihwe.

  • Ntamuti urimukwiruka mumabararabara nibajamwibarabara nihomuzobona kokujamumabarabara atacobimaze.

  • Jewe nibaza ko Leta yo hagabira kuko kananira abagabo ntiyimye ,ivyo kwishimiriza abapolisi vyo ntakamaro ,abarundi nabo ico nobahanura ntibatwagwe n’inda nibave hasi biyamirize akarenganyo kuko amapfa arahera ariko igihemu kibi ntigihera ,HARI IKINTU GIKOMEYE IMANA YATEGURIYE UBURUNDI N’ABARUNDI KANDI KIGIRE GISHIKE ,ABACIRWAKO ITEKA BARICIGWEKO ,ABAHEZAGIRWA BAHEZAGIRWE N’UWUHORAHO IMANA YACU.Kuri ADC-IKIBIRI nayo ndabasaba kubikora mumutekano ntangere ,nayo iryo terabwoba rya ABA DD ?UWANSE GUPFA YAHEZE MUNDA KWANYINA emera dupfire kuri nka RWAGASORE

  • Sinteger’ukuntu beneburundi bohamagarirwa mw’ibarabara n’abarongozi ba ADC-Ikibiri kandi baherutse kwitaba BNUB na Leta mu biganiro bihuza abanyepolitike bose b’u Burundi. Mbona Sinduhije Alexis, Chauvineau Murwengezo na Leonce Ngendakumana bari kubanza gufata akanya gahagije bakaja kwiganira abayoboke babo ivyavuye muri ico gikorane camaze iminsi itatu , categuwe na BNUB ifatanije na Leta CNDD-FDD. Bisubiye, kirazira ko abihebeye Rugiravyose/Uhoraho bivanga mu vya politique. Igikorwa bajejwe ni ugusaba amahoro no kwirinda akajagari mu gihugu no kwisi. Ikindi ni ukumenya ko tout agent de police ou tout soldat ingendo ya mbere ari kugamburukira son superieur-uwo na we mu Burundi akaba ari S.E. Pierre NKURUNZIZA. None ko Agathon Rwasa yanse kwifatanya na mwe, mubona muzojana bande mw’ibarabara? Ego data, ni mwabona babankiye kuja mw’ibarabara canke mwisubiyeko, muraheza mugumane iryo sango ry’9/12 muhurire mu ngoro zanyu. Bizotworohera kuza kubasura no kubagemurira, ntawobura vyose. Tuzoreka kuba canke kugereranywa n’inka ariko tubahe impanuro nziza kandi zubaka.

  • Abarundi muratangaje pe abo bavuga ngo kuja mwibarabara siwo muti,erega mu Burundi hari democratie kandi abazoba babize babifitiye uburenganzira kuko nabenegihugu naho batoba abene gihugu mugihe bari murico gihugu hakagira ikitagenda neza kugateka kabo barafise ububasha bwo kuja mumabarabara kandi bagacungirwa ubuzima nabajejwe umutekeno:::ico nobasaba baze babikore mubwitonzi ntangere hanyuma abajejwe umutekano nabo bagakora akazi kabo ntibaje bakoreshwe ni nzara,

  • ewe,yohani urikijuju!ubu ugirawizez’ibindibitangaza abarundiuzotuzanira?mbegakuntwaroza micombero’bagaza,buyoyanabandibatwazigikenyekomutavuga?ubumurarenzwen,amahoro ngumutin’ukujamw’ibarabara?mwahimvye icoyituritsa!muragezemuzobona

  • gusa ico notera akamo abanye politicien mureke kuja muhenda abanyagihugu kuko iyo bagize ibibazo nta numwe muvuza kimbe mugarukirako, ahubwo iyo myerekano yarikwiye kujamwo abanyepolitiques bonyene gusa kuko aribo baronderayo amaronko,none umunyagihugu atize nyarucari mumuhamagarira kuja mubarabara yunguke iki? Kimbe nukumara abantu,banyagihugu ntihakagire uwuzajayo mureke bo ubwabo banige korovati bajeyo kuko ntawabatumye gukina politique,kandi ntihakagire umugambwe numwe mushigikira kuko bose nico kimwe

  • Ntamuti wigez uva mukugumuka. Ahubwo vyos biva mubiganiro.

  • igihe kiratevye! turarambiwe nukuntu baguma bahindagura amabwirizwa nkuko umengo n’igikinisho, ariko aho ntibokwikubita agashi amakungu, amashirahamwe yigenga kuva aho bavugiye ntibokwumva? muga bamenyeko umugambwe CNDD-FDD uzobibazwa n’ababashigikiye.

  • Uyumuntu yiyise Ndagijimana arakwiye gusengerwa kugira umucafu umurimwo umuvemwo.

  • reta niymr bicare na ADC bavyigire hamwe. si non,nintambara.

  • bitebe bitebuke ic,Imana Yavuze Kuburundi Kizoshika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.