Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Solange Habonimana yahawe agashimwe kubera guharanira agateka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Solange Habonimana yahawe agashimwe kubera guharanira agateka (...)

Solange Habonimana yahawe agashimwe kubera guharanira agateka k’abagore

lundi 18 Ntwarante 2013

Ako gashimwe yagahawe na kaminuza yo mu gihugu c’u Bubikigi yitwa l’Université de Gent ufadikanije na Amnistie internationale. Uwo mukenyezi ajejwe umugambi wo kumenyekanisha urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC yagomwe kubera ukwitanga kwiwe mu guharanira agateka ka zina muntu cane cane ak’abagore.

Ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uyu wa mbere italike 18 Ntwarante 2013 mu gatondo, yavuze ko ako gashimwe kamuhaye uburenganzira bwo kwigisha ibijanye no kubahiriza agateka ka zina muntu muri iyo kaminuza yo mu gihugu c’u Bubiligi yamuhaye ako gashimwe. yavuze kandi ko ako gashimwe yakaronse kubera ukwitanga mu gukingira abaharanira agateka ka zina muntu cane cane abakenyezi nka we.

Yavuze kandi ko ako gashimwe kerekana ko amakungu akurikiranira hagufi ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi hamwe n’abagaharanira.

Abaserukira amashirahamwe akingira agateka ka zina muntu arashima ko mugenzi abo Solange Habonimana yahawe agashimwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnistie Internationale rifadikaniye na kaminuza yo mu gihugu c’u Bubiligi.

Uwo mukenyezi yivugira make ngo amaze gukora ku madosiye menshi ajanye no gukingira abaharanira agateka ka zina muntu cane cane abakenyezi.

Asanzwe akorera mu gisata cerekeye kuraba aho ibihugu bimwe bimwe n’u Burundi burimwo vyubahiriza agateka ka zina muntu mu gisata ca ONU kiraba agateka ka kiremwa muntu. Ari kandi mu bariko baritanga bikomeye kugira ukuri kumenyekane ku rupfu rwa Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta.

Solange Habonimana yarigeze no kurongora urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB.

kw’ifoto:Solange Habonimana, uwahawe agashimwe


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.